Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubuhindi: Umukobwa w’imyaka 10 yavye umwana w’ibiro birenga bibiri
Ubuhindi: Umukobwa w’imyaka 10 yavye umwana w’ibiro birenga bibiri
jeudi 17 Myandagaro 2017
Amakuru ava aho mu gihugu c’ubuhindi amenyesha ko uyo mwana yavyaye abazwe uruhinja rupima ibiro 2,5 kandi ko gushika ubu ataramenya ko yavyaye kuko igihe yarafise inda yabwiwe ko afise ibuye rinini mu nda yiwe.
Ubutungane bwo mu gisagara ca Chandigarh bwanse ko uyo mwana akuramwo inda kuko yarigeze mu ndwi za nyuma zo kuvyara inyuma yaho abaganga bavuze ko iyo nda bayimukuyemwo ko vyogira ingaruka mbi ku magara yuwo mwana w’umukobwa.
Mwomenya ko uyo mwana w’umukobwa yafashwe ku nguvu incuro nyinshi mumezi indwi aheze n’umugabo yari yubakanye na nyina w’uyo mwana ubu akaba ari mw’ibohero.
Vianney BIKORIMANA
Messages
18 Myandagaro 2017, 15:54, par rubayita athanase 6464 Forges be
dushimire Imana ikora ibitangaza!
kandi:ntibazamuhishe uwomwana kuko aziko yamutwaye; n’ubwo bashobora kubimuhisha! kandi ali uburenganzira bwe. nzineza ko muzi igikwiye gukorwa:murakoze.
23 Myandagaro 2017, 15:12, par nephtalie
Imana ishimwe ko atayikoroye. Dushimiye ubutungane bw’ico gihugu bwanse ko bayikorora.Imana ishimwe kandi ko umwana yavutse kuba ataramenya ko yavyaye naho birumvikana yarakiri umwana ariko azobimenya abaganga nibamube hafi.Ubutungane bwagize neza gufunga uwo iyo nkozi y’ikibi.