Accueil > Ubutunzi > Ubukene bw’umuyagankuba ntibwimirije guhera mu gisagara ca Bujumbura
Ubukene bw’umuyagankuba ntibwimirije guhera mu gisagara ca Bujumbura
samedi 17 Munyonyo 2012
‘’Haraheze umwaka n’igice hari ugukabukanya kuma karitiye y’igisagara ca Bujumbura mugutanga umuyagankuba. Ishirahamwe REGIDESO ritanga amatara n’amazi rivuga ko bitazohera vuba kubera amazi yagabanutse cane mu rugomero rw’umuyagankuba ruri mu Rwegura muntara ya Kayanza’’.
Pascal Ndayishimiye umuyobozi mukuru wa REGIDESO ntacizere aha abanyagihugu kuvyerekeye ubukene bw’umuyagankuba bwabaye ndanse na cane cane mugisagara ca Bujumbura. ‘’Imvura naho igwa ahandi, biratangaje ko idashika ngaha mu rugomero rwo mu Rwegura. Ivya delaistage y’amatara sinzi ko twova ngaha ndabemereye ko bizovaho ejo canke hirya y’ejo’’. Aho hari kuruyu wa kane, aho iryo shirahamwe REGIDESO ryari ryagiye kwirabira aho ibintu bigeze mu rugomero rwo mu Rwegura. Urwo ninarwo rugomero rutanga ibice birenga 60 kw’ijana vy’umuyagankuba ukoreshwa muburundi. Havayo 18 MW.
Umuyobozi wa REGIDESO yavuze ko muminsi irimbere hashobora kubakwa urundi rugomera ruzotanga 10MW ruzoza gusahiriza mu gutanga umuyagankuba. Ariko naho biruko, ubuhinga bwerekana ko hahera imyaka irenga itanu kugira urugomero rw’amatara rwuzure rutangure gukora.
Pascal Ndayishimiye yongeyeko ko kubona hakiri n’umuyagankuba muke aruko hari uruzi rutoya rwubatswe iruhande ya Rwegura, ahandi ho ngo ntamuyagankuba na mukeya uba uboneka.
Abakoresha umuyankuba mukazi kabo ka minsi yose baridoga bakavuga ko bakora bahomba, kuko ngo baca bakoresha ivyuma bikoresha igitoro. Abidoga cane n’ abadandaza amata, abakora ibikorwa vyo gusudira ivyuma muri komine ya Buyenzi, abafise inzu z’ubudandaji bita alimentation, abakora ibikorwa vyo kumwa imishatsi n’abandi.
Kugirango leta isahirize mukuronka umuyagankuba, yarasavye igihugu c’u Bushinwa ko cofasha. Iconaco caratanze infashanyo y’imashini zitanga amatara zikoresheje imishwarara y’izuba zirenga amajana abiri. Muri kino gihe zikaba zikoreshwa gusa n’ibitaro vyitiriwe umwani karede mu kamenge. Muriyo ntumbero nyene, hariko harashika ivyuma nkivyo kumabarabara amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura.
Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura eka no mu gihugu hagati bagasaba ko Reta yokora ibishoboka vyose gugirango gukabukanya gutanga amatara mu ma kartiye bihere kuko ngo bituma ubuzi butarangurwa neza.
Ifoto: Iwacu
Pierre Claver Niyonkuru