Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ubumwe bwa Afrika : Abarundi bari bitoje ntibaronse amahirwe
Ubumwe bwa Afrika : Abarundi bari bitoje ntibaronse amahirwe
mercredi 1er Ruhuhuma 2017, par
Mu nama igira iya 28 y’abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika iheruka kubera i Addis Abeba muri Ethiopia, harabaye amatora y’abarongoye ibisata bitandukanye vyo mu biro nshingwabikorwa mu muryango w’ubumwe bwa Afrika.
Igihugu c’Uburundi cari carungitse amazina y’abantu batatu bazohiganwa n’abandi muri ayo matora, ariko bakaba batashoboye gutorwa. Abo nabo yari Ambassadeur Epiphanie NTAMWANA KABUSHEMEYE mu kibanza c’umurwi ujejwe amahoro n’umutekano, Docteur Sabina NTAKARUTIMANA mu murwi ujejwe ivy’imibano hamwe na Saidi KIBEYA mu murwi ujejwe gutunganya ivy’abakozi hamwe n’ivy’ubuhinga n’ubushakashatsi mu muryango w’ubumwe bwa Afrika.
- Muri iyo nama, Uburundi bwari bwaserukiwe na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu
Abatowe ni Smail CHERGUI wo muri Algeria arongoye igisata kijejwe amahoro n’umutekano muri uwo muryango, SAMATE Cessouma wo Burkina Fasso ajejwe ibijanye na poritike, ABOU Zeid Amani wo Egypte, ajejwe inyubakwa n’amasoko ntanganguvu, ELFADIL Amira Elfadil Mohamed wo muri Soudan, ajejwe ibijanye n’imibano, MUCHANGA Albert wo muri Zambia, ajejwe ubudandaji n’amahinguriro, hamwe na SACKO Josefa Leonel Correa wo muri Angola ajejwe ubutunzi hamwe n’uburimyi.
IGIHE
Messages
1er Ruhuhuma 2017, 09:49, par FNL
Dufise umu President utagira ijambo muri Union Africaine, ntawoha agaciro Abarundi,iyiza kuba ari Abanyarwanda bari gutorwa a 100%
1er Ruhuhuma 2017, 12:48, par chany
nn genda une murwanda hanyuma witoze bagutor.
1er Ruhuhuma 2017, 13:13, par Warumonge
Abarundi Dutahureko Amatoran,ikwameze,gutsinda N,ugucindwa Vyamahokandi Uwacinzewese N,atwarirebose
1er Ruhuhuma 2017, 14:32, par Jean Bosco Musore
Igihambaye n’uko bitoje. Naho batatowe vyarabonetse ko uburundi bushobora kurungika aba candidats. Amahirwe n’ikindi gihe
1er Ruhuhuma 2017, 16:17, par bakareke
Iyo amatora abera mu Burundi, bari kuyiba bagatorwa ndabarahiye. Biragoye muri kino gihe kwizera u Burundi. Birababaje ariko abo babuze ntaco babaye kuko barabaye abashikiranganji ntibabuze ikibatunga.
1er Ruhuhuma 2017, 16:36, par .
Twebwe igihambaye nuko dufise uburenganzira bwokwitoza, kuko hariho abatokwenererwa nokwiyandikisha ngobitoze.
Ikindi nuko haburana 2 hagatsinda umwe, aborero batowe tugiye kubayoboka kuko tutabayobotse ejonatwe nitwatsinda vyobagora kutuyoboka.