Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubumwe bwa Buraya bwerekanye aho buhagaze ku vyashikirijwe n’Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Buraya bwerekanye aho buhagaze ku vyashikirijwe n’Uburundi

Ubumwe bwa Buraya bwerekanye aho buhagaze ku vyashikirijwe n’Uburundi

mercredi 7 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo ubumwe bwa Buraya bwasohoye kuri uwu wa gatatu, bamenyesheje ko ivyagiriji vy’Uburundi vyashingiye ku kwihenda, mu bijanye n’imigambi y’ubumwe bwa Buraya y’ugufasha abaharanira agateka ka zina muntu.

Iryo tangazo rivuga ko imigambi ubumwe bwa Buraya burangura mu bihugu bitari muri uwo muryango ishingiye mu gukomeza agateka ka zina muntu kw’isi yose, hamwe n’ugukingira abaharanira ako gateka ka zina muntu.

Ubumwe bwa Buraya bumenyesha ko umuti urama w’indyane ziri mu Burundi utegerezwa gushingira ku kutirengagiza agateka ka zina muntu kariko karahungabana mu Burundi, hamwe n’akahungabanye muri kahise.

Ubumwe bwa Buraya bwasubiriye kumenyesha ko bushigikiye ibiganiro bihuza Abarundi bihagarariwe n’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko.

Reta y’Uburundi ivuga ko yamenye ko hari inyandiko ziriko ziratembera zerekana ko Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rishobora kuba rifise uruhara mu gushaka guhindura inzego zirongoye Uburundi kwabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Iryo tangazo rimenyesha ko izo nyandiko zerekana ko Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryaterereye amafaranga amashirahamwe canke abantu bafise uruhara mu guhungabanya inzego zatowe n’abanyagihugu, abo nabo bakaba baronderwa n’imitahe mpuzamakungu. Ubumwe bwa Buraya bwagirizwa kandi bwafashije mu kuronsa impapuro (Visa) z’ukuja mu bihugu vya Buraya ku bantu bagirizwa amabi yakozwe mu Burundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ego nivyo natwe abarundi turazi ko ubumwe bwaburaya kwaribwo bwafashije abashatse guhirika ubutegetsi! Ku nivyemezo biraboneka kuko ninabwo bwahaye ubuhungiro abashatse gutembagaza ubutegetsi bwitorewe nabene gihugu. Jewe rero ico mbona ishirahamwe ryubumwe bwaburaya nirireke kuza rirumviriza ibinyoma vyabarwanya reta Kugira vyongere gukorana nuburundi nkambere maze rikure nibihano vyose vyafatiwe uburundi, kandi ryongere rinafashe reta yuburundi gufata abagirizwa ivyaha vyugutembagaza ubutegetsi bwitorewe nabenegihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.