Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi buracarindiriye inyishu ku bibazo vy’amatora muri EALA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Uburundi buracarindiriye inyishu ku bibazo vy’amatora muri EALA

Uburundi buracarindiriye inyishu ku bibazo vy’amatora muri EALA

mercredi 10 janvier 2018

Ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye mu mwaka wa 2017,kuwa mbere igenekerezo rya 8 Nzero 2018, Isabelle NDAHAYO yavuze ko yizeye ko Uburundi bugiye gutunganirizwa ku makenga bashikirije mu bijanye n’itorwa ry’umukuru wa EALA.

Umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afria k’Ubuseruko yavuze ko bizeye ko ibikorwa nyezina vy’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA, bizotangura ibibazo Uburundi bwashikirije vyamaze gutorerwa inyishu.

Umushikiranganji Isabelle NDAHAYO yavuze ati :« Ndizeye ko hatazogera ko abashingamateka basasa tutaratunganirizwa. »

Ku kibazo c’imigenderanire itameze neza hagati y’Uburundi n’Urwanda, umushikiranganji Isabelle NDAHAYO yavuze ko ikibazo kigeze ku rwego rwo hejuru mu karere, akaba yizeye ko umuti urama uzoboneka, maze abarundi n’abanyarwanda bagasubira kuba abavukanyi nka mbere.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.