IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Uburundi bwakiriye inama igira 14 y’ishirahamwe ry’abahuza muri Afirika « (...)

Uburundi bwakiriye inama igira 14 y’ishirahamwe ry’abahuza muri Afirika « AOMA »

Thursday 12 July 2018, by vianney

Umuhuza w’Uburundi Edouard NDUWIMANA mw’ijambo ryiwe ryo kugurura iyo nama yamenyesheje ko naho ishirahamwe ryabo ryaciye mu bibazo bijanye n’ubutunzi,urwego rw’umuhuza w’i Burundi ruzotanga intererano yarwo mu ntumbero yo gutorera umuti ivyo bibazo kugira ishirahamwe ry’abo rije k’urugero rw’ayandi mashirahamwe yo mu karere.

Edouard NDUWIMANA yijeje ko ikizova muriyo nama kizofasha kugira ibibazo nyamukuru vy’ishirahamwe bitorerwe umuti.

Ibihugu vyitavye iyo nama ni Djibouti,Sudani,Angola,Cote d’Ivoire,Lesotho,Afirika y’Epfo,Kenya,Zambiya,Tanzaniya,Madagascar,Etiypiya ,Malawi hamwe n’Uburundi.

Iyo nama itegekanijwe kumara umusi umwe igahera uno musi nta bamenyeshamkuru bemerewe kuyikwirikirana.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.