Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Uburundi bwankiwe kwinjira mw’ishirahamwe SADC
Uburundi bwankiwe kwinjira mw’ishirahamwe SADC
mercredi 1er Ntwarante 2017
Inama y’abashikiranganji bava mu bihugu bigize ishirahamwe ry’iterambere mu bihugu vyo muri Afrika y’Umumanuko SADC banse ivyasabwe n’Uburundi kwinjira muri iryo shirahamwe.
Umushikiranganji w’imigenderanire n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko mu gihugu ca Tanzaniya Augustine Mahiga yavuze ko kubera ibihe vya politike igihugu c’Uburundi kirimwo,kidashobora kwemererwa kwinjira muri iryo shirahamwe.
Augustine Mahiga yavuze ko kugira ikibazo co kwinjira kw’Uburundi mw’ishirahamwe SADC gisubire kwigwa , Uburundi butegerezwa kubanza gukora ibishbka kugira amahoro n’umutekano bigaruke mu gihugu.
Umushikiranganji Augustine Mahiga yavuze ko ivyo Uburundi bwasavye vyigiwe mu murwi uhuza ibihugu biri mw’ishirahamwe SADC ,mu nama yabereye mu gisagara ca Dar-Es-Salaam kw’igenekerezo rya 24 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.
Ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubumanuko SADC rigizwe n’ibihugu 15.
IGIHE
Messages
1er Ntwarante 2017, 09:59, par kamaro
Ntacobitwaye birazwiko ivyobihugu bikorera kugitsure cishirahamwe ryubumwe bwuburayi ubwo nabwo bukaba butifurizineza abarundi ineza, ntaco nibigumirize nakare akimuhana kazimvurihise!
1er Ntwarante 2017, 10:03, par muhanuzi
erega barabona ingene twirigwa turiyamiriza amakungu ndetse na ONU tutayigera umutwe.ndashimye iyongingo baseko ejo mukubashimira tuzobiyamiriza mumyiyerekano ya buri samedi twamamwo.
1er Ntwarante 2017, 11:21, par FNL
Sawa sawa,erega u Burundi ntawo bwemerera gukorana nabwo,leta y’ibinywamaraso gusa gusa,n’akare mwigize aba prisoniers,bravo SADC
1er Ntwarante 2017, 14:56, par Hicuburundi
jewe abategetsi b’Ababrundi barantwenza,Nkurumbi ntasohoka mugihu atuma intumwa none uwo murongozi w’igihugu yiyugarana imyaka yose womwemerera gukorana gute?Umupfu ntiyinukira kweli
1er Ntwarante 2017, 20:42, par Gerevazi
Iyo Nintabwe Yukutwereka Twikubite Agashi
2 Ntwarante 2017, 08:47, par Bucumi
murararaba neza mwa ba dd mwe mwosanga ari urwanda rwatumye mutemeregwa kwinjira muri sadc.
2 Ntwarante 2017, 09:10, par Buname jEAN
Ariko mubona koko uburundi uko bwifashe muri kino kiringo bwokwemererwa kuja muri SADC? Nta nkumi yigaya kweli.
2 Ntwarante 2017, 10:14
Nibagumane Ivyabo Ntavyo Dushaka Mbega Bibaza Ko Nkurunziza Atabwenge Afise Huhhhu Twarabahinyuye Bashaka Bazebamwicire Hanze Babesha Ngobamutumyeko Munama Nagume Ngaha Mugihugu Ciye Natwe Tura Mukeneye Murice Abiwanyu Uwacu Imana Iramukunda