IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwatakaje ibibanza mu bwigenge bw’ukumenyesha amakuru

Uburundi bwatakaje ibibanza mu bwigenge bw’ukumenyesha amakuru

jeudi 27 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Icegeranyo c’abamenyeshamakuru batagira imbibe kivuga ko Uburundi bwatakaje ibibanza bine mu bijanye n’ubwigenge bw’ukumenyesha amakuru.

Muri uwu mwaka w’2017, mu bihugu 180 vyakozweko amatohoza n’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe, Uburundi buza mu kibanza c’160, aho akaba ari mu gihe mu mwaka w’2016, Uburundi bwari mu kibanza c’156.

Uburundi bwagiye mu kibanza kibi mu bijanye n’ukumenyeshamakuru, kuva mu mwaka w’2015, aho zimwe mu nsamirizi zigenga zaturirwa, izindi zikugarwa.

Ico cegeranyo c’abamenyeshamakuru batagira imbibe gisohotse mu gihe gushika ubu atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru w’umurundi Jean BIGIRIMANA yanyurujwe kuva kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.