Accueil > Inkino > Amahiganwa > Uburusiya : Abana bo mw’ibarabara baserukiye Uburundi batsinze urukino rwa (...)
Uburusiya : Abana bo mw’ibarabara baserukiye Uburundi batsinze urukino rwa 1/8 gishira ica nyuma
samedi 12 mai 2018
Igice ca mbere c’urukino caheze, umurwi waserukiye Uburundi ufise igitsindo kimwe ku busa bwa Indoneziya, mu gice ca kabiri, umurwi w’Uburundi uca winjiza igitsindo ca kabiri.
Izo nkino umurwi waserukiye Uburundi witavye zikaba ziri mu rukurikirane rwo kwitegurira igikombe c’isi yose mu mupira w’amaguru kizobera mu gihugu c’Uburusiya kuva mu kwezi kuza kwa Ruheshi.
Umuyobozi w’ishirahamwe New Generation yavuze ko muri iryo higanwa, abakinyi bazoboneraho akaryo ko kuganira n’abandi kugira batorere inyishu ikibazo c’abana bo mw’ibarabara.
MUGISHA Van Naris
Messages
12 mai 2018, 14:43, par Mahoro
Twovugako baduteye iteka none ? Nibazako ibihugu vyaserukiwe bikwiye kwikubita agashi.Ibarabara ntirivyara !
24 mai 2018, 06:42, par Karikurubu abdallah
Iciyumviro canje nuko abobana bomwibarabara bofatwa mumugongo bihagije kuko nibwo burundi bwejo nabandi badafite icobakora babahangire imyuga bavemwi barabara kugirango ntibakurane ivyiyumviro bibi vyononera abandi