Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburusiya : Umugezi wa Dalydkan wahindutse utukura nk’amaraso - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Uburusiya : Umugezi wa Dalydkan wahindutse utukura nk’amaraso

Uburusiya : Umugezi wa Dalydkan wahindutse utukura nk’amaraso

mardi 13 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Norilsk Nickel, ishirahamwe rwa mbere kw’isi rihingura ibikoresho bikozwe mu butare bwa nickel, ryemeye ko ryagize uruhara mu gutuma umugezi wa Dalydkan, mu Burusiya, uhinduka uratukura nk’amaraso, mu mpera z’indwi iheze.

Ubuyobozi bwa Norilsk Nickel bwavuze ko ukwo guhinduka kw’uwo mugezi ugatukura cane nk’amaraso, vyaturutse ku mvura ikomeye yaguye kw’igenekerezo rya 5 Nyakanga 2016, ituma umwe mu mihora y’amazi yo kw’ishami ry’iryo hinguriro riri i Nadezhda wuzura, amwe mu mazi atembera mu mugezi wa Daldykan.

Ubwo buyobozi bubandanya kuvuga ko ata mpungenge zari zikwiriye kubaho kuko ata ngaruka ukwo guhindura ibara nk’amaraso kw’uwo mugezi vyagize ku buzima bw’abantu, ndetse n’inyamaswa.

Alexei Kiselyov, umukozi wo mu kigo kibungabunga ibidukikije mu Burusiya, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru rw’Abafaranda, AFP, ko hakiri kare kugira hemezwe ko ata ngaruka ukwo guhinduka kw’uwo mugezi bizogira ku buzima bw’abantu canke inyamaswa.

Igihe amasanamu y’uwo mugezi yatangura gukwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye, umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe ibidukikije yamenyesheje ko ukwo guhinduka nk’amaraso bishobora kuba vyatewe n’imyanda yaciye muri umwe mu mihora isohora amazi yakoze avuye muri iryo hinguriro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.