Accueil > Inkino > Amahiganwa > Uburusiya : Umurwi w’Uburundi w’abana bo mw’ibarabara washitse muri 1/2 (...)
Uburusiya : Umurwi w’Uburundi w’abana bo mw’ibarabara washitse muri 1/2 gishira ica nyuma
dimanche 13 mai 2018
Urukino rwahuje umurwi nserukiragihugu w’Uburundi n’uwa Belarussie mu gice ca kane gishira ica nyuma, rwabaye kur’uno w’Imana igenekerezo rya 13 Rusama 2018.
Mu gice c’umunani gishira ica nyuma, umurwi Imboneza FC, watsinze umurwi wa Indoneziya ibitsindo bibiri ku busa.
Izo nkino umurwi waserukiye Uburundi witavye zikaba ziri mu rukurikirane rwo kwitegurira igikombe c’isi yose mu mupira w’amaguru kizobera mu gihugu c’Uburusiya kuva mu kwezi kuza kwa Ruheshi.
MUGISHA Van Naris