Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya : Vladimir Poutine yarahiriye kurongora igihugu ku kiringo ca (...)
Uburusiya : Vladimir Poutine yarahiriye kurongora igihugu ku kiringo ca kane
lundi 7 mai 2018
Amakuru dukesha ikinyamakuru c’abafaransa lepoint.fr , avuga ko Vladimir Poutine yavuze ko abona ko ari ico ategerezwa kandi biri no mu buzima bwiwe, gukora kubwa kubu na kazoza vy’igihugu c’Uburusiya.
Ayo makuru nyene ,amenyesha ko, azi ico ategerezwa gukorera umurusiya wewe, kandi azokora vyose kugira yongereze inguvu, ubutunzi hamwe n’iteka ry’igihugu c’Uburusiya.
Yavuze ko ubwiza n’inguvu z’Uburusiya biri mu muco wabo mwiza hamwe no mu bumwe bubaranga.
Vladimir Poutine yatowe mu kwezi kwa Ntwarante, ku majwi 76,7 kw’ijana, akaba ari ku butegetsi kuva mu mwaka wa 2000.
MUGISHA Van Naris