Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburusiya bwavuye muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya bwavuye muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Uburusiya bwavuye muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha

jeudi 17 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Uburusiya bwafashe ingingo yo kwikura ku rutonde rw’ibihugu bigize sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI.

Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu, Uburunsiya bwamenyesheje ko bwikuye muri iyo Sentare kuko biboneka ko ikora itigenga, ikagirizwa kandi ko itashikanye ivyo yari ijejwe kurangura.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ifise ububasha mpuzamakungu bwo guca imanza ku vyaha vy’ihonyabwoko, ivyaha vy’ihohoterwa rya kiremwa muntu, hamwe n’ivyaha vyo mu ntambara.

JPEG - 44.9 ko
Vladmir Putin, umukuru w’igihugu c’Uburusiya

Ivyegeranyo bimwe bimwe vyerekana ko ubutegetsi bw’Uburusiya budashimishwa n’uburyo Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yigenjeje mu rubanza hagati y’Uburusiya na Georgia mu mwaka w’2008.

Uburusiya bukavuga kandi ko ataco iyo Sentare yakoze ku vyaha Reta ya Tbilisi yakoreye abanyagihugu mu karere ka Ossetie yo mu bumanuko, akarere gashigikira ubutegetsi bw’i Moscou.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.