Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburusiya bwikoze kuri Amerika mu biganiro na Afganistan - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya bwikoze kuri Amerika mu biganiro na Afganistan

Uburusiya bwikoze kuri Amerika mu biganiro na Afganistan

dimanche 12 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Igihugu c’Uburusiya gisaba ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika yokwinjira mu biganiro vyo kugarukana amahoro muri Afuganistani. Ivyo vyatangajwe mu gihe umuhanuzi muvy’umutekano muri Afuganistani ariko aritegura kuja i Moscou mu Burusiya kuvugana n’ubutegetsi bw’ico gihugu ku bijanye no gusubiza hamwe hagati ya Reta n’imigwi y’abagwanyi b’aba talibani itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Afuganistani.

Nk’uko bivugwa na VOA, Afuganistani yari yatangaje ko ibiganiro vyahagaze vyosubira gutangura, yamara abategetsi ba Amerika bavuga ko har’ikibazo ku bijanye n’uko Uburusiya bwari bwashatse kwigarurira ivyo biganiro. Uburusiya bwarinubwe kur’iyo ngendo, ivyatumye butumira ibihugu vyo mu karere, Ubuhindi hamwe na Irani, mu biganiro vyabaye mu kwezi guheze.

Muri iyo ntambara, Reta ya Afuganistani hamwe na Amerika vyagiriza Uburusiya ko bufasha umugwi w’aba talibani usanzwe ugwanya ubutegetsi. Bakavuga ko bisa n’uko buter’imigere ibiri. Yamara Uburusiya buvuga ko imigenderanire yabwo n’aba talibani atari myinshi kandi ko bufise intumbero zo gusaba uwo mugwi ko wokwemera ukaja mu biganiro vy’amahoro.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.