Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya bwiteguye gusubiriza mu nkoko Amerika
Uburusiya bwiteguye gusubiriza mu nkoko Amerika
vendredi 30 Kigarama 2016
Uburusiya bwiyemeje gusubiriza mu nkoko Amerika inyuma y’iyirukanwa ry’abakozi babwo bo mu biro biserukira ico gihugu muri Amerika kubera uruhara bwagirizwa mu matora ya Amerika.
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburusiya yavuze ko yavuze ko inyishu y’Uburusiya ishobora kubangamira cane igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Igihugu c’Uburusiya naco camaze kumenyesha ko kigiye kwirukana abakozi 35 bakora mu buserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Burusiya,nkuko Amerika nayo yabikoze ku bakozi bayo.
Uwo muvugizi wa Vladimir Putin yavuze ariko ko Uburusiya bushobora kurindira umukuru w’igihugu mushasha wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump, yamiriye kure ibivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora ya Amerika, agashikira ubutegetsi.
Uburusiya bwararahiye bwivuye inyuma ko ata bintu nk’ivyo bwakoze, bukavuga ko ibihano vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku gihugu c’Uburusiya bidafise ishingiro.
IGIHE
Messages
30 Kigarama 2016, 17:49, par Willy
Ahubwo Nimwirukane 40 Basubire Iwabo Izo Ntovyi
30 Kigarama 2016, 20:24, par Nema
Obama Agomba Gusiga Ateyibibazo Isiyose . Kandi Cnard Ikishinga Obama Bazopfarubi !
30 Kigarama 2016, 20:55, par nkdn
obama yatayumutwe
31 Kigarama 2016, 20:11, par ERNESTKING
NIBAREKE OBAMA AGIYE GUSOZERA NABI.
1er Nzero 2017, 07:49, par Maniriho
Uwo mwirabura ntanicho yamariye benewabo arangije nabi
1er Nzero 2017, 08:02, par Maniriho mic
Obama ntanicho yamariye abirabura asoje nabi
1er Nzero 2017, 10:13, par Eric W’i Makamba
Oy Imana Irishura Obama Akicivanga Muvy’Uburundi Yibaza Ko Nyene Bitomushikira !!! Ahubwo Ndamusetse
3 Nzero 2017, 11:10, par DELPHEIN
Nimuhangana mwese murakomeye