IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuserukizi bw’Uburundi muri Norvege bwugawe

Ubuserukizi bw’Uburundi muri Norvege bwugawe

jeudi 21 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

N’aho ubwo buserukizi bwugawe, Bernard NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu amenyesha ko ata cuka kibi kiri hagati y’Uburundi na Norvege, kandi ko n’imigenderanire myiza iri hagati y’ivyo bihugu bibiri ibandanya.

Bernard NTAHIRAJA amenyesha Abarundi baba mu gihugu ca Norvege ko bazobwirwa ikindi gihugu bazohora baja kuronderamwo ivyo bakeneye.

JPEG - 51.2 ko
Bernard NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu

Bamwe mu barundi baba mu gihugu ca Norvege baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE bamenyesha ko batakiriye neza iyo ngingo, kuko bizobagora gufata ingendo baja muri ico gihugu kindi bazobwirwa, aho akaba ari mu gihe bavuga ko hari bimwe muvyo barondera baronka ari uko babanje kwishikira ahari ubuserukizi bw’Uburundi.

Abo barundi baba muri Norvege bavuga kandi ko iyo ngingo izogira ingaruka ku bashaka kuzokwitaba amatora azoba mu 2020.

"Hageze amatora twahora dutorera mu buserukizi bw’Uburundi buri aha muri Norvege. Kubera iyo ngingo, hari abatazotora kuko bizobagora gufata urugendo baja gutorera mu gihugu kizoba cashizwemwo ubwo buserukizi. Hari n’abazoba babishaka, ariko bibagore gufata indege baja muri ico gihugu gutora."

Abo barundi basaba Reta y’Uburundi ko yoborohereza, igashira ubwo buserukizi bundi mu gihugu kiri hafi, aho bitazobagora gushika.

JPEG - 96.9 ko
Ubuserukizi bw’Uburundi muri Norvege

Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ibitangaza birama. Mugutunganya ibijanye n’ubuserukizi babanza kwugara? Mbe hoho bazokwiga ibijanye n’ubuserukizi muri Norvege honyene ko ariho bugaye?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.