IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Uburundi bugiye kwakira inama igira iya 28 y’abashikiranganji b’umuryango wa (...)

Uburundi bugiye kwakira inama igira iya 28 y’abashikiranganji b’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko bajejwe ivy’uyo muryango mu bihugu vyabo

Monday 9 July 2018, by vianney

Umushikiranganji Isabelle NDAHAYO yamenyesheje ko ibizokwigwa muriyo nama ari ibijanye no kuraba igikorwa c’iyinjira muruyo muryango kuva mu mwaka w’i 2000 gushika 2017 aho kigeze,kuraba icegeranyo c’ivyaranguwe mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko kuva mu kwezi kwa Mukakaro 2017 gushika mu kwezi kwa Ntwarante 2018 hamwe no kurabira hamwe aho igikorwa c’isoko rusangi y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko aho kigeze.

Muvyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mezi atandatu aheze,Isabelle NDAYAHO yavuze ko ari inganda zatunganijwe zijanye no guhimiriza hamwe no kumenyesha imigambi y’umuryango wa Afurika y’Ubuseruko ,kwishikira ku kivi mu mugambi wo gusuzuma uko ibikorwa biriko birarangurwa .

Ibindi vyaranguwe murico gice ca mbere c’uyu mwaka nk’uko uyo mushikiranganji yabimenyesheje, n’ibijanye no gukarihiriza ubwenge abakozi bakuru bakuru bo murubwo bushikiranganji , kwakira hamwe no gutunganya inama z’akarere zabereye hano i Burundi.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.