Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwahagurukiye inzoga zikaze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwahagurukiye inzoga zikaze (...)

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwahagurukiye inzoga zikaze cane

samedi 17 Munyonyo 2012

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwiyemeje kurwanya inzoga zikaze mu rwaruka kuko buvuga ko izo nzoga zitera indwara canke zikayovya ubwenge, hariho n’iziteguye nabi.

"Ico dushaka ni uko abantu bamenya ko birinda kunywa inzoga zikaze zirimwo alcool nyinshi canke zitagenzuwe neza. Akarorero; Kanyanga, Umudiringi, Igiti, Umuka, Ikibarube, Umunanasi, hamwe rero n’izindi ata wuzi iyo zakorewe; nyinshi muri zo ziri mu bumwanya: Cheers Vodka, Officer vodka, Liqueur-café, Chief Waragi, Boss Tangawisi, Simba Waragi, Obama Vodka, Excellent Vodka, Champion Waragi", uko ni ko umupfasoni Sabina Ntakarutimana, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida yabivuze mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa kabiri, yongera ko izo nzoga zose zifise ubumara bwinshi bwitwa ’ethanol’.

Muri iyi myaka icumi iheze, hagiye haboneka amahinguriro menshi akora inzoga zikaze, rimwe na rimwe zitagenzuwe ubumara zifise, hanyuma zikadandazwa ukuri kwamywe. Umushikiranganji Sabina Ntakarutimana avuga ko Reta y’Uburundi imaze kubibona ko zibangamiye amagara y’abanyagihugu, cane cane urwaruka. Avuga kandi ko ibikorwa nyezina vyo kuzirwanya bigiye gutangura vuba.

Ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu, igisata ca Afurika, vyerekana ko abantu bicwa n’inzoga zikaze zitagenzuwe babandanya baba benshi, vyavuye kuri 2,1 kw’ijana mu mwaka w’2000 bija kuri 2,2 kw’ijana mu mwaka w’2002 ; nayo mu mwaka w’2004 vyari bigeze kuri 2,4 kw’ijana.

"Nico gituma OMS yashizeho uburyo bwo kurwanya inzoga zirimwo ubumara bwinshi n’indwara ziterwa nubwo bumara bwinshi buri mu nzoga" , nk’uko vyasiguwe na Muganga Ntakarutimana Sabine.

Kunywa inzoga nyinshi kandi zikaze vyica abantu barenga imilioni zibiri n’igice kw’isi ku mwaka. Muri abo, urwaruka rufise imyaka iri hagati ya 15 na 29, bangana 320.000, ni ukuvuga ibice 9 kw’ijana vy’abantu bapfa bafise iyo myaka. Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida yemeza ko ata yindi mvo y’urupfu nk’urwo ku rwaruka atari ibiyayuramutwe, cane cane ubumara buri mu nzoga.

Asaba abantu kwicungera kuko ingaruka mbi ziva ku nzoga zikaze ari nyinshi; indwara y’umutima, igitigu, igituntu, indwara zo mu mitsi, ibisazi, indwara zo mu gitereko ku bagore, indwara zo guta ubwenge no kwibagira n’izindi. Iruhande y’ivyo, hariho kurwana n’abantu no kwicana kubera akaborerwe, ubusambanyi butuma umuntu yandura umugera wa Sida n’ingoga, n’ibindi.

Umushikiranganji Ntakarutimana ati :"Dutegerezwa gukorana n’ubundi bushikiranganji bwose bwegwa n’iki kibazo, cane cane ubw’ubudandaji, ubw’intwaro yo hagati mu gihugu n’ubw’umutekano", Iruhande y’ivyo, yibukije ko umuntu wese ahamagariwe gukora uko ashoboye kugira arwanye amabi aterwa n’inzoga zikaze zifise ubumara bwinshi kandi zica amagara y’abantu.


Bonesha FM

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.