Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ubushikiranganji bw’imigenderanire busaba ishirahamwe OIF gusubira gufasha (...)
Ubushikiranganji bw’imigenderanire busaba ishirahamwe OIF gusubira gufasha Uburundi
mardi 21 Ntwarante 2017
Umwunganizi w’umushikiranganji w’im,igenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Jean de Dieu NDIKUMANA asaba ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibihugu bivuga ururimi rw’Igifaransa OIF gusubira gufasha Uburundi.
Mw’ijambo yashikirije mu gihe Uburundi bwifatanya n’ibindi bihugu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ururimi rw’igifaransa kuri uno wa mbere igenekerezo rya 20 Ntwarante,umwaka wa 2017, Jean de Dieu NDIKUMANA yamenyesheje ko imvo za politike zidashobora gutuma ishirahamwe OIF rihagarika gufasha Uburundi.
Jean de Dieu NDIKUMANA yavuze ko ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibihugu bivuga igifaransa OIF ryaharitse infashanyo zaha igihugu c’Uburundi, gushika naho ridashigikira umunsi mukuru mpuzamakungu wahimbarijwe mu Burundi.
Naho biri ukwo, umwunganizi w’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yamenyesheje ko Uburundi bukiri mu bihugu bivuga ururimi rw’igifaransa, kandi rugakoreshwa mu bisata bitandukanye vy’igihugu.
IGIHE
Messages
23 Ntwarante 2017, 08:05, par Adolph
Eka mavuze ko mwikwije,none izo nda zanyu zitanguye gukoma induru,bigiye kubatekurukana.