Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubushikiranganji bw’indero burabeshuza ibivugwa ku manota yafatiweko mu (...)
Ubushikiranganji bw’indero burabeshuza ibivugwa ku manota yafatiweko mu kibazo ca Reta
mercredi 16 Myandagaro 2017, par
JUMA Edouard, umuvugizi w’ubushikiranji bw’indero amenyesha ko muri ubwo bushikiranganji bataravuga amanota yafatiweko, bagasaba abavyeyi hamwe n’abanyeshure bakoze ivyo bibazo ko borindira itangazo rivuga ayo manota rizosohorwa n’umushikiranganji w’indero.
- Juma Edouard, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero
Tubamenyeshe ko ayo makuru yabeshujwe n’ubushikiranganji bw’indero yavuga ko mu mwaka w’icenda amanota yafatiweko ari ibice 48 kw’ijana, ni ukuvuga amanota 98 ku 200.
Ku banyeshure bo mu mwaka w’icumi nabo, ayo makuru yavuga ko bafatiye mu manota 108.
Egide NDUWIMANA
Messages
16 Myandagaro 2017, 15:19, par nkemayo
Ni bayatubwire none kugira twigurire amakaye yabana
kuko harakenerwa imyiteguro nimba bazomenya
16 Myandagaro 2017, 15:23, par nkemayo
buriya boyavuga hakiri kare vyofasha abana kwitegurira uwundi mwaka
nko mubijanye namakaye cankwa ivyambarwa igihe umwana abonyeko yamenye
Murakoze
17 Myandagaro 2017, 16:03, par Nyirimanzi Elie
amahoro Yimana Abana Namwe.Mudufashe Muyavuge Hakiri Kare Vyodufasha Cane.
22 Myandagaro 2017, 20:50, par Audace
murakoz Nanj Nari Natangaye Murab Muyavuge Kare Twitegur Dutegur Nabana
27 Myandagaro 2018, 15:45, par Blaise Niyongere
Andika hano:Amahor Y Imana Aban Natw.Vyob Vyiz Mutumenyeshej Murin Ndwi Amanot Mwafatiyek Tukitegur Hakir Kar Kuk Ub Biragoy Tukagur Udukay Na Uniforme Hakir Kar.Murakoz.