IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubushikiranganji bw’indero bwashikirije ivyaranguwe mu mwaka wa (...)

Ubushikiranganji bw’indero bwashikirije ivyaranguwe mu mwaka wa 2017

lundi 22 janvier 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa mbere ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’indero,Janviere NDIRAHISHA atwara ubwo bushikiranganji yamenyesheje ko mu gikorwa co gukwiragiza abigisha aho batari ,catumye Reta ihungukira amafaranga arenga imiriyaridi ibihumbi 8 yahora aronswa abigisha bahembwa badakora.

Uyo mushikiranganji asigura ko abo bigisha bahembwa badakora bakingirwa ikibaba n’abayobozi bamwe bamwe bo ku mashure, ariko ko abo bahembwe badakora batanguye gusubiza ayo mafaranga.

Mu vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mwaka wa 2017,hariho ishirwaho ry’imyigisho za kaminuza z’igice ca kabiri ni ca gatatu Master hamwe na Doctorat mu rurimi rw’igifaransa.

Umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA yashikirije ko kuba haruguruwe izo nyigisho z’igice ca kabiri n’ica gatatu bizofasha kugira ikibazo cibonekeza c’abigisha badafise ubuhinga n’ubumenyi gitorerwe umuti.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.