IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ubushikiranganji bw’umutekano busaba amakungu gufasha urwego rukuru (...)

Ubushikiranganji bw’umutekano busaba amakungu gufasha urwego rukuru rw’igihugu rwo gukinga ibiza

jeudi 12 Gitugutu 2017

Mw’ijambo umushikiranganji w’umutekano CPC Alain Guillaume BUNYONI yashikirije mu ntumbero yo guhimbaza uwo munsi, mugambi wo gukinga Ibiza no gufasha abo vyashikiye wo kuva mu mwaka wa 2005 gushika 2015 wari ufise intumbero yo kwirwanako kuva ku rwego rw’ibihugu gushika hasi ku mitumba.

Muri iryo jambo, umushikiranganji w’umutekano CPC Alain Guillaume BUNYONI amenyesha ko mu mwaka wa 2017, urwego rukuru rw’igihugu rujejwe gukinga Ibiza rufatanije n’amashirahamwe atabara imbabare rwabonye ko ico gikorwa kizofasha mu kugabanya inkukura, hamwe n’ugukingira uburyohe bw’isi ndimwa mu ntumbero yo kurwiza ibifungurwa mu gihugu.

Umushikiranganji w’umutekano amenyesha kandi ko Reta y’Uburundi ishimira ibihugu n’abandi bose bari mu bisata vyo gutabara no gufasha imbabare mu Burundi ku ntererano babandanya gufashisha Uburundi, agasaba kandi amashirahamwe afasha Uburundi mu buhinga n’uburyo kubandanya bashigikira urwego rukuru rw’igihugu rujejwe gukinga Ibiza.

JPEG - 70.8 ko
CPC Alain Guillaume BUNYONI,Umushikiranganji w’umutekano

Mwomenya ko kubera ko mu Burundi uwo munsi uhuye n’ihimbazwa ryo kwibuka incungu yo kwikukira umuganwa Ludoviko RWAGASORE, umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe gukinga Ibiza ukazoca uzohimbazwa kw’igenekerezo rya 14 Gitugutu 2017 ku mutumba Rutambiro, komine Mugongo-Manga, intara ya Bujumbura.

Icivugo cashizwe imbere n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ni : «Ntahigera haruta iwawe : Kugabanya kubangamirwa hamwe hamwe no guturatura biturutse ku biza


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.