Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’umutekano bwiyemeje guhagurukira ikibazo c’ihohoterwa (...)
Ubushikiranganji bw’umutekano bwiyemeje guhagurukira ikibazo c’ihohoterwa ry’abana
mercredi 18 Ndamukiza 2018, par
Umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI avuga ko mu minsi iheze, hibonekeje abana bahohotewe cane mu kwicwa n’abagime babavyara , hamwe n’abantu bakuze babangamira ubuzima bw’abo bana.
Alain Guillaume BUNYONI arongoye ubushikiranganji bw’umutekano yabishikirije mu gihe abana babandanya guhohoterwa mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi. Abaheruka akaba ari abana batatu bo mu ntara ya Kirundo bishwe n’umuvyeyi abavyara, abaturiwe amaboko i Ngozi kubera bihaye indya mu nkono, hamwe na babiri bitavye Imana i Ngozi, inyuma y’ugushurashuzwa ku nguvu n’umuvyeyi wabo.
- Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano
Vianney BIKORIMANA