Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Ubutegetsi burafise ububasha bwo gusaba abanyagihugu kwemeza ibwirizwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ’’Ubutegetsi burafise ububasha bwo gusaba abanyagihugu kwemeza ibwirizwa (...)

’’Ubutegetsi burafise ububasha bwo gusaba abanyagihugu kwemeza ibwirizwa nshingiro’’

mardi 9 janvier 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere igebekerezo rya 8 Nzero 2018, Therence NTAHIRAJA avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yavuze ko,mu gihe Reta ariyo yateguye ibwirizwa nshingiro itogaruka ngo yivuguruze.

Therence NTAHIRAJA avuga ko mu kurindira ko umurwi utegura amatora CENI utanga uburenganzira ku bandi bwo gusigurira abanyagihugu ibiri mw’ibwirizwa nshingiro ryahinyanyuwe,abategetsi b’igihugu aribo bonyene bafise uburenganzira bwo kubikora.

Umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba n’umuvugizi w’ubushikiranganji asaba abandi banyeporitike kurindira umurwi utegura amatora CENI ugatanga uburenganzira.

Mu murwi utegura amatora CENI, babicishije ku muvugizi wawo Prosper NTAHORWAMIYE, abavuga ko hatari bwagere ko, abasigura ivyahinyayuwe mw’ibwirizwa nshingiro bahamagarira abarundi gutora EGO, kuko hari ikiringo bitegekanijwemwo n’amategeko.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.