IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubutungane burumviriza abagirizwa urupfu rwa Hafsa MOSSI

Ubutungane burumviriza abagirizwa urupfu rwa Hafsa MOSSI

vendredi 11 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Abagirizwa urupfu rw’umushingamateka Hafsa Mossi barumvirizwa n’ubutungane mu ntara ya Muramvya kuri uwu wa gatanu. Mu gihe mu giporisi bavuga ko abo bantu bane biyemerera icaha bagirizwa, abo bagirizwa bavuga ko batazinanye.

Igiporisi c’Uburundi cemeza ko cafashe kw’igenekerezo rya 21 Mukakaro 2016, abantu batatu bagirizwa ko aribo bagandaguye umushingamateka Hafsa Mossi. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abo bantu bafashwe mu gihe bariko bategura kugandagura umuhanuzi wo mu biro vy’umukuru w’igihugu atavuzwe izina.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko abajejwe umutekano bamaze gufata abo bantu, haciye hakorwa isakwa ku rugo ruri muri zone ya Mutanga, muri komine Ntahangwa, hafi y’ahagandaguriwe umushingamateka Hafsa Mossi.

Mu giporisi bakavuga ko mu matohoza bakoze, basanze abo bantu biyemerera ko bahabwa amategeko n’uburyo bwo kugandagura abantu babwiwe, mbere OP1 Pierre NKURIKIYE akavuga ko abo bafashwe biyemerera ko ayo mategeko n’uburyo bw’ukugandagura abantu babihabwa n’umurwi w’abantu bari i Kigali mu Rwanda, basanzwe bakorana n’abo bafashwe.

JPEG - 37.9 ko
Hafsa MOSSI, umushingamateka yaserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko

Umushingamateka yaserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, Hafsa Mossi, yagandaguwe n’abantu bitwaje inkoho mu gatondo ko kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2016 muri karitiye ya Mutanga Nord.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.