Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuyapani : Umwami Akiheto yemerewe gutanga imihoho. - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubuyapani : Umwami Akiheto yemerewe gutanga imihoho.

Ubuyapani : Umwami Akiheto yemerewe gutanga imihoho.

samedi 3 Ruheshi 2017

Iradiyo BBC imenyeshako umwami Akiheto yamenyesheje igihugu ciwe mu mwaka uheze wa 2016 ko ashaka gutanga imihoho kuko amagara amukitse.

Inama nshingamateka ikaba yemeje iryo tegeko kuri uyu wa gatanu inyuma yaho inama nshikiranganji y’Ubuyapani itoye iryo tegeko ica irirungika mu nama nshingamateka ngo iryemeze .

Iryo tegeko rikazoja mu ngiro mu ndwi iza rihejeje kwemezwa n’inama nkenguzamateka, aho bitegekanijwe ko niyo yatanga imihoho azoca asubirirwa n’umuhungu wiwe,umuganwa Naruhito .

Mwomenya ko hari haheze imyaka ishika 200 ata mwami atanze imihoho aho mu gihugu c’Ubuyapani , uwaheruka gutanga imihoho akaba yari umwami Kokaku yatanze imihoho mu mwaka w’1817 .


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.