Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwato bw’ingwano bwakozwe ubwa mbere n’Ubushinwa
Ubwato bw’ingwano bwakozwe ubwa mbere n’Ubushinwa
mercredi 26 Ndamukiza 2017, par
Igihugu c’Ubushinwa cagerageje ubwato bushasha bushobora kurerura no kugwako indege z’ingwano mu kugaragaza inguvu z’ico gihugu muvya gisirikare.
Nk’uko tubikesha BBC, bubaye ubwato bwa kabiri butwara indege inyuma ya Liaoning, ubwa mbere bukorewe muri ico gihugu.
Izina ry’ubwo bwato rizotaratangwa bwinjijwe mu mazi mu buraruko bushira ubuseruko bw’ikivuko ca Dalian, nk’uko itangazamakuru ry’igihugu c’Ubushinwa ryabishikirije, bikavugwa ko ubwo bwato buzotangura gukora mu mwaka w’2020.
Bwerekanywe mu ruhagarara rumaze igihe mu karere ka Korea, Reta zunze ubumwe za Amerika ziterana amajambo na Korea ya ruguru.
Ubushinwa bwari busanganywe ubwato bumwe butwara indege z’ingwano, Liaoning, bwaguriye muri Ukraine mu nyuma bubusubiramwo.
Amerika imaze iminsi irungitse ubwato bw’ingwano hamwe na "sous-marin" mu karere ka Korea, bituma Korea ya ruguru itegwa n’agashavu.
Ubushinwa busaba ivyo bihugu gutekana.
IGIHE
Messages
1er Rusama 2017, 22:00, par Gikatsi
Barabudutiza M’uburundi Twihurire Na Kagame
3 Rusama 2017, 07:14, par Bukuru
Ariko abarundi muba bazima
Kagame mumukure
muntekerezo zanyu kuko ntago
m uzomugira .Twe tumuzi tuzi ubutwari bwiwe mwe mwirirwa murusaku gusa
aba Nya Rwanda turiteguye kumuntu wese washaka kutubuza umutekano wacu