Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwato bw’ingwano bwa Amerika ntibwerekeje muri Korea ya ruguru
Ubwato bw’ingwano bwa Amerika ntibwerekeje muri Korea ya ruguru
mercredi 19 Ndamukiza 2017, par
Amato y’ingwano ya Amerika ntasoza agana akarere ka Korea ya ruguru nk’uko bimaze iminsi bivugwa, abayabonye mu mpera z’indwi iheze bavuga ko yafashe iyindi nzira.
BBC ivuga igisirikare co mu mazi ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika cavuze igenekerezo rya 8 z’ukwezi kwa kane ko ubwato Carl Vinson n’ubundi bubuherekeje bwariko buja mu karere ka Korea kubera uruhagarara Pyongyang yatera igerageza ibigwanisho vya "nucléaire".
Mu ndwi iheze umukuru w’igihugu Trump yavuze ko hari umugwi w’amato "armada" warungitswe.
Mu mpera z’ino ndwi uwo mugwi w’amato wari ugeze kure, ugana ahitwa Sunda Strait mw’ibahari Indiano.
Igisirikare ca Amerika cavuze ku munsi wa kabiri ko kitagitembereye ikivuko ca Perth, ariko ko carangihje imyimenyerezo cagirana na Australia ku nkengera y’ico gihugu yo mu buraruko bushira uburengero, cavuye Singapour itariki 8 ukwezi kwa kane.
Ubwo bwato bw’ingwano "buriko buja mu karere k’ibahari ya Pacifique yo mu burengero nkuko bwategetswe".
Ntawuzi neza igituma butashitse iyo vyavuzwe ko bugiye, canke ko kwari ugutera ubwoba umukuru w’igihugu ca Korea ya ruguru Kim Jong-un, canke ko umugambi wahavuye munyuma uhinduka canke ko amakuru yashikirijwe nabi, niko umumenyeshamakuru wa BBC mu karere ka Korea Stephen Evans yavuze.
IGIHE
Messages
20 Ndamukiza 2017, 06:15, par Jean Dedieu Nibigira
Amerika Nireke Gukwega Intamba Iminsi Yose Itera Ibihugu Yitwajeko Bakora Za Runyangana Izohava Ikwega Intambara Yisi.
21 Ndamukiza 2017, 12:41, par bizimanaphirbert
baribazi kubwongereza buzoca bujakubafasha.nibindi bihugu bicuditse.ibihigu vyatera ubwoba isi nka Mobutu kera mukarere.tuzosanga atacobimaze muvyagisirikare.American yatinye.yabaye nkawa muvuduko wisake
21 Ndamukiza 2017, 12:43, par bizimanaphirbert
baribazi kubwongereza buzoca bujakubafasha.nibindi bihugu bicuditse.ibihigu vyatera ubwoba isi nka Mobutu kera mukarere.tuzosanga atacobimaze muvyagisirikare.American yatinye.yabaye nkawa muvuduko wisake