Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwinjiriro bw’ibidandazwa kuri "Kanyaru Bas" bwugawe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ubwinjiriro bw’ibidandazwa kuri "Kanyaru Bas" bwugawe

Ubwinjiriro bw’ibidandazwa kuri "Kanyaru Bas" bwugawe

mercredi 12 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Ikigo OBR (Office Burundais des Recettes) kijejwe kwegeranya amakori ya Reta cugaye kuva kuri uwu wa kabiri ubwinjiriro bw’ibidandazwa bwo ku rubibe rw’aho bita "Kanyaru Bas". Muri ico kigo batangaza ko ibidanzwa bihinjirira vyagabanutse, bagereranije n’uburyo buhakoresherezwa.

Itangazo ryasohowe n’ikigo OBR rimenyesha ko kuva mu kwezi kw’indwi umwaka w’2016, ibidandazwa vyinjira hagati y’Uburundi n’Urwanda vyagabanutse, ku buryo bitakiboneka. Mu ntumbero y’ukugabanya uburyo bwahora bukoreshwa n’abakozi ba OBR bahora bakorera kuri urwo rubibe, hamwe n’uburyo bwakoreshwa, ikigo OBR camenyesheje ko ubwinjiriro bw’ibidandazwa bwo kuri "Kanyaru Bas" bwugawe vyagateganyo.

Abadandaza n’abandi bahora bacisha ibidandazwa kuri urwo rubibe Uburundi buhana n’Urwanda basabwe guca ahandi hegereye aho hugawe vy’agateganyo, abazobirengako nabo bakazofatwa nk’abakora urudandazwa rwa magendu.


IGIHE

Messages

  • Hasha hasha hanyuma abobakozi baribasanzwe bakorera aho nimibatware gukorera ahandi ndaziko hariho ahantuheshi hakeneye abakozi.

  • None mwugaye guhanahana ibicuruzwa n’u Rwanda nwibaza ko ari u Rwanda ruzobihomberamwo?none mwisanze mwaritaye mu kanigo, Ujinga ni Mzigo kweli, muzugurura ntawubibasavye,erega ni Abarundi inzara yica! bravo le Rwanda

  • murahumba muzoteba mwugara hose kazimamugomba kwigungira ukwanyu ubwo zavoka mwabomwabonye ko zagwiriye kuburyozizobamaza (4 eyers?)

  • Nimutahe muje kwotsa ibijumpu, mwabasumamwe mwahora mwirwa muriba abantu. Ntimwokugara hose mukituna nkigikoba cimpene, burya rwigikoba nico cikwegera amakara, namwe mwararwikwegeye.

  • Batware abobakozi hariya hejuru Kididiri, Mihigo, Busiga bababe bararya ay’igiturir begeranij canke basubir mu Mbonerakure gutoza ayumugambwe! Ubuho ibidandazwa bizonjira atacamira

  • Hhhhhhhhhhhhh Abarundi mwasetsa nuvuye kuta nyina ariko mwafunze umupaka mukirukana na ambassador wacu bikagira inzira mukava kwirirwa muvuga ngo mwugaye mwugaye tumaze kubihaga ibyo kbsa kko ambargo zanyu ku Rwanda ntazo tibona hano I kgli imyembe mwafunze irava TZ... Mukomeze mwisenyereho nkihene...

  • abarundi turabasabye mufungure ibihingwa byinjire mu Rwanda dore inzara iratwishe ibiribwa byavaga i Burundi bisigaye bihenze cyane byikunye inshuro 2 zose kbsa turarembye

  • @Peter remba wenyine numuryango wawe aho muri mu mashamba ya Congo naho twebwe abanyarwanda ntakibazo nagito dufite kubwo kugarira ibicuruzwa byimbuto bivuye I Burundi
    imbuto turazibona kandi mungeri zose

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.