Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwongereza: Abantu batanu bapfuye mu gitero cabaye ahakorera inama (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwongereza: Abantu batanu bapfuye mu gitero cabaye ahakorera inama (...)

Ubwongereza: Abantu batanu bapfuye mu gitero cabaye ahakorera inama nshingamateka

jeudi 23 Ntwarante 2017

Abantu batanu harimwo umupolisi, nibo bapfuye mu gitero cagizwe kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 22 Ntwarante,umwaka wa 2017,imbere y’inyubakwa ikoreramwo inama nshingamateka mu gihugu c’Ubwongereza.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko,ico gitero cabaye igihe umuntu yari mu modoka yagonga abantu ahitwa i Westminster agatera yinjira mu kigo gikoreramwo inama nshingamateka.

Uwikekwa ko yagize ico gitero yari afise inkoho , yahavuye araswa n’abajejwe umutekano aca aritaba Imana.

Umushikiranganji w’Ubwongereza, Theresa May, yamenyesheje ko ico gitero ari ico ubugizi bwa nabi, aca asaba abanyagihugu gukomeza ubwigenge, no kwishira no kwizana.

Yavuze ko uwakoze igitero yari afise intumbero yo guhungabanya umutekano w’igihugu ,aca asaba inzego zose gukorera hamwe mu kurwanya iterabwoba n’ibindi vyiyumviro bifise intumbero yo gutera urwanko hagati y’abanyagihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.