Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubwongereza : Abashingamateka basavye ko urumogi rukoreshwa nk’umuti
Ubwongereza : Abashingamateka basavye ko urumogi rukoreshwa nk’umuti
vendredi 16 Nyakanga 2016, par
Umugwi w’abashingamateka bo mu Bwongereza wasavye ko abantu borekurirwa gukoresha urumogi ku mpamvu yo kwivuza.
Uwo mugwi urimwo abashingamateka bava mu migambwe itandukanye, basaba ko hoba ibihidurwa mu gukoresha imiti, wavuze ko hari ibimenyetso vyerekana ko urumogi ruvura zimwe mu ngwara, harimwo ububabare burenze urugero hamwe no kwamana umutima uhagaze.
Abo bashingamateka bavuga ko abantu ibihumbi n’ibihumbi ubu barenga ku mategeko mu gukoresha urumogi nk’umuti. Ariko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko gushika ubu ata migambi yo kurekura abantu ngo bakoreshe uwo muti. Ico catsi c’urumogi gifise ubumara bwababa 60.
Abo bashingamateka bashaka ko rero yokura urumogi ku rutonde rwa mbere ruje ku nimero zine. Kuri urwo rugero harimwo iyindi miti nka vitamine canke iyindi igabanya ububabare. BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko ivyo vyotuma umuganga ashobora kwandikira umugwayi umuti w’urumogi.
Ikigo kijejwe amagara y’abantu kiragabisha ko urumogi rwonona vyinshi mu mubiri, harimwo kugabanya ubushobozi bw’umuntu bwo kugendesha imodoka, kwonona mu mutwe, kugabanya ubushobozi bwo kuvyara hamwe n’amagara y’abana bataravuka.
Ibice 9% vy’abamenyereye urumogi ntibashobora kuryama bataruronse, ivyo bice si bike n’aho biri musi y’ivy’itabi (32%) hamwe n’inzoga (15%).
Abo bashingamateka bavuga ko bacihweza ubuhamya bwatanzwe n’abagwayi 623, hamwe no kuganira n’abahinga bo mu bihugu vyinshi kw’isi bakaba bamaze kubona ko urumogi rushobora gukoreshwa nk’umuti.
Ikoreshwa ry’urumogi nk’umuti birarekuwe mu ntara 24 muri Amerika, co kimwe no muri Israel na Canada. Hari n’ibindi bihugu 11 bimaze kwemerera abanyagihugu bavyo gukoresha urumogi mu kwivuza.
IGIHE
Messages
16 Nyakanga 2016, 15:02, par Djuma
Vrement Nisawa Boba Batongereje Uburyo Byo Gufata Imiti Neza
16 Nyakanga 2016, 18:45, par Prosper cinyeretse
Urumogi nirubicane gos, nkakarorer jw ahomperereye mu burundi urumogi turarurwanya cane, uwurunwa atuma yononekara mu mutwe(agakora ibitaroranye).igisabwa rero, n,uko ivyobihugu(ubufaransa,..) bishirimber urumogi ngo n,umuti nkuwundi vyoreka kumenyereza abanya gihugu b,aho, iyomvugo mbi y,urumogi. si non rurabamara sindababesha.
16 Nyakanga 2016, 18:48, par Prosper cinyeretse
Urumogi nirubicane gos, nkakarorer jw ahomperereye mu burundi urumogi turarurwanya cane, uwurunwa atuma yononekara mu mutwe(agakora ibitaroranye).igisabwa rero, n,uko ivyobihugu(ubwongereza,..) bishirimber urumogi ngo n,umuti nkuwundi vyoreka kumenyereza abanya gihugu b,aho, iyomvugo mbi y,urumogi. si non rurabamara sindababesha.
17 Nyakanga 2016, 13:49, par Mahanga Cl
Oya Nukuri Kubwanje Ntaciza Kiri Murumogi Aho Bavuga Ngo Rugabanya Ivyiyumviro Nivyo Cane Mugabo Muruwo Mwanya Ubuwabaye Nkikijuju Ubwonko Bubabusa Nubwahagaze Butariko Burako None Wumva Arirwiza
18 Nyakanga 2016, 05:26, par Cishahayo Dieudonné
Mubisanzwe Ko Murivyo Bihugu Hoho Basanzwe Bamenyereye Ico Kiyayura Mutwe, Nibwira Kwataco Boba Mugihe Bagumye Bagkoresha. Ega Bo Baranafise Ubuhinga Nuburyo Bwokuvura Ibi Débules Ruba Rurembeje. Twebwe Mu Burundi Iryo Tegeko Ntirikaze Vrema Kuko Turumva Ingaruka Mbi Zago Na Cane Kubakiri Bato Burundi Bwubu Nubwejo!
19 Nyakanga 2016, 06:56, par Nizigiye Uwuhoraho
Umuti Kumuntu Agwaye Nisawa.Ariko Umuti Ufata Ukomeye Urica.
19 Nyakanga 2016, 23:55, par onesphore nsabimana
abo bashingamateka bagomba ko urwaruka rusara.ico kiyayuramutwe kizotuma abantu biyahura mumwanya wokubagabaniriza stress.
28 Gitugutu 2016, 19:19, par Fidèle KWIZERIMANA
Mbega abantubafise icubaiiro kw isi cukuyobora noguserukira abandi nibijuju kugeriyo hose aho mperereye harabagabo bane 1simon,2egide,3rasita,4kagabo barara barakoma induru kubera urumogi hama ngonumuti niba arinkorerezi zubusazi.
7 Kigarama 2016, 08:02, par Morodikayi Jon
Urumongi nirubi cane sirya yokurya kabisa, mubice nantembeyemwo haniwacu mu Burundi harabo nagiye ndabona abanwurumogi, usanga bandasa nabandi usanga umugabo yarasengeseye, agahinduka akantu umengo nakagugu, ugasanga agenda aratwenga inzira yose atawuriko aramutwenza, nibindi nibindi, ivyo bihugu vyamaze kwemerera abenigihugu kurunwa kumugaragaro, barihenze cane. Ndibuka nkigihugu Cakanada uwarahaye yitoza kuba umushikiranganji wico gihugu niwe yatangaje nibamutora azobarekurira kunwa urumogi, hamwe nabagore babisiramu kwitwikira mumaso agasigaza intoboro zamaso gusa kukivyo mwico gihugu ntivyari vyemerewe, nkuko yabishirije ntibatebeje kumutora. nabo kubivuguko bafise intumbero. Basokuru nahora numva ngobaruhereza inka,none haramukiwe abantu.
27 Kigarama 2016, 00:12, par arnaud cubahiro
iyo unutj uwunyoye mumwanya wayo nimwiza ariko iyo uyunwa utkgerera urakwonona urumongi reo iyurunyoye ukanwa kurukaze nawe ufite umutwe muto rukumerera nabi uzobafise umutwe nuto nawe bazamuha umuti rumukwiye iyo unagwaye maralia baguha kinine utayishobora naho baguhibindi
27 Ndamukiza 2017, 21:07, par HAKIZIMANA
NUKURI NKAJEWE ARIJE NFATA INGINGO NOKWEMERERA ABANYAGIHUGU BAKARUFATA NKAKURYA KWIMITI KAMA YIKIRUNDI NKONGERA NKEMERERA ABANYAGIHUGU KURURIMA NKIBINDI BITEGWA RUGASHOGWAHANZE NKAKURYA DUSHORIKAWA KANDI GWOTEZIMBERE IGIHUGU NABARIMYIBAGWO NONE UBUNDIBWO ABARUFATA HARUMUSI BARUSIBA NTIRUVAMURIKONGO NA TANZANIA NABANDI BARURIMA MUGWIHISHWE RUKADANDANZWA RETA ATACO IRIKO IRAHAKURA AHUBWO ABATEGETSI NIBOROHEREZE ABOBISHOBOKERA ABADAKOMEYE MUMUTWEBOBO TWAVUTSE TUBABONA TUZOPFA TUBABONA UGIRA BOSE BASARISHA NAKOGATABI NIBAZAKO ARIDAWA MUZINDI