Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwongereza : Abasirikare 4 bagirizwa iterabwoba bafashwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwongereza : Abasirikare 4 bagirizwa iterabwoba bafashwe

Ubwongereza : Abasirikare 4 bagirizwa iterabwoba bafashwe

mercredi 6 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Igisirikare c’aho mu Bwongereza kiremeza ayo makuru ko abo basirikare bafashwe kandi kikavuga ko gishigikiye ico gikorwa cakozwe n’igiporisi c’igihugu.

Umuvugizi w’igisirikare yamenyesheje ko kuri ayo matohoza yakozwe n’igiporisi ko igisirikare ata vyinshi afise yoshikiriza ku vyerekeye abo basirikare.

Amakuru atangwa n’igipolisi c’Ubwongereza avuga ko abo basirikare batawe muri yompi vyateguwe hisunzwe amakuru yatanzwe ko ata kintu na kimwe cabaye cotuma umutekano w’abanyagihugu udurumbana.

Abo basirikare bose uko ari bane bafungiwe mu gasho ko muri West Midlands, bakaba bagizwe n’uwufise imyaka 22 ava i Birmingham, uw’imyaka 32 w’i Powys, uw’imyaka 24 aturuka i pswich hamwe n’uw’imyaka 24 ava i Northampton.

Tubibutse ko umugwi "National Action" ugizwe n’abantu batipfuza ko haba ibihinduka mu gihugu c’Ubwongereza, ukaba waratewe ivyatsi n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati Amber Rudd mu mwaka uheze.

Umunywayi canke uwushigikiye uwo mugwi ahanishwa umunyororo w’imyaka 10.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.