Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwongereza : Umurwi Arsenal waronse umumenyereza mushasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ubwongereza : Umurwi Arsenal waronse umumenyereza mushasha

Ubwongereza : Umurwi Arsenal waronse umumenyereza mushasha

jeudi 24 mai 2018

Emery Unai yinjiye ku mugaragarao mu banga yo kumenyereza umurwi wa Arsenal, kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 23 Rusama 2018, asubiriye umumenyereza Arsene Wenger yari amaze imyaka 22 amenyereza umurwi wa Arsenal.

Mw’ijambo yashikirije, Emery Unani yavuze ko, ari umunezero kuba agiye gusubirira Arsene Wenger, mu kumenyereza umurwi ukomeye, ufise ikibuga kinini, kandi ufise n’ubuhinga mu rukino rw’umupira w’amaguru.

Yavuze ko agiye gukoresha inguvu kugira asigurire abakunzi b’umurwi Arsenal ivyiyumviro vyiwe n’ivyipfuzo, kandi ko anezerewe no gushika mu murwiwa Arsenal, yongera ashimira uwo agiye gusubirira Arsene Wenger.

Emery Unai yatwaye ibikombe indwi mu gihugu c’Ubufaransa, mu myaka ibiri yari amaze amenyereza umurwi Paris Saint Germain.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.