Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubwongereza bwahagaritse guhana amakuru na Amerika ku gitero c’i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwongereza bwahagaritse guhana amakuru na Amerika ku gitero c’i (...)

Ubwongereza bwahagaritse guhana amakuru na Amerika ku gitero c’i Manchester

vendredi 26 Rusama 2017

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Theresa May yamenyesheje ko avugana n’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump, kugira amakuru bahana agume ari ibanga.

Amakuru dukesha iradiyo y’abngereza BBC amenyesha ko uwuserukira igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Bwongereza Lewis Lukens yavuze ko kuba ikinyamakuru co mu gihugu aserukira cerekanye amasanamu y’ivyabereye mu gitero i Manchester ari amakosa kandi bikwiye guhanwa.

Lewis Lukens yavuze ko hagiye kuba igikorwa c kurndera abashize ahabona ayo masanamu, hanyuma babihanize ko batosubira kubikora.

Igitero cabereye mu butambiro Manchester Arena kuwa kabiri mw’ijoro igenekerezo rya 23 Rusama,umwaka wa 2017, cahitanye abantu 22 bitavye Imana n’abandi batari bake bakomeretse.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.