Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda: Abanyeshure 23 birukanywe kw’ishure kaminuza ry’abisiramu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Uganda: Abanyeshure 23 birukanywe kw’ishure kaminuza ry’abisiramu

Uganda: Abanyeshure 23 birukanywe kw’ishure kaminuza ry’abisiramu

Tuesday 24 April 2018, by Jean De Dieu

Amakuru dukesha ikinyamakuru Daily Monitor caho mu gihugu ca Uganda amenyeshako uwujejwe ibikorwa muriyo kaminuza Sulait Kabali yavuze ko abanyeshure biyo Kaminuza bo mu kigo ca Mbale bagirijwe no kutubahiriza amategeko agenga iryo shure nk’ibikorwa vy’ubusamabanyi,abiba,abanywa inzoga n’ibiyayuramutwe,abatwaye inda z’ishushu hamwe n’abakora yegereyegere murico kigo .

Ayo makuru abandanya amenyeshako mw’ikete ryo kwirukana abo banyeshure hasiguyemwo bafatiwe ahantu hatabona bari mu bikorwa vyo kwinezereza nk’abantu bakundanye.

Mu gihe murabo banyeshure harimwo abari mu mwaka wa nyuma,bahwe ikiringo c’indwi imwe gusa kugira abashaka kunguruza urubanza bazobe bunguruje.

Mu bahagaritswe by’agateganyo harimo abari mu myaka isoza biteguraga gukora ibizamini byatangiye ku wa Mbere. Gusa bahawe icyumweru kimwe cyo kujurira, akanama gashinzwe imyitwarire kakaba kazongera kwicara vuba kakiga ku bujurire bwabo.

Umunyeshure ari mu bafatiwe ivyo bihano yashikirije ko yatangaye cane kuko yafatiwe igihano kw’ikosa yakoze mu myaka ibiri iheze agishika kuriryo shure.

Mw’ishure kaminuza rya Kisiramu (IUIU) nta munyeshure arekuriwe gusomana n’uyundi canke ngo yicarane nuwo badahuje igitsina mu mwanya w’iminota 10 kandi nta bahungu bavangana n’abakobwa mw’ishure rimwe.


Bikorimana Vianney

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.