Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda : Abanyeshure barenga ijana bafatanwe udukingirizo kandi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Abanyeshure barenga ijana bafatanwe udukingirizo kandi (...)

Uganda : Abanyeshure barenga ijana bafatanwe udukingirizo kandi baborewe

lundi 10 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi co mu gisagara ca Mbale mu gihugu ca Uganda, cataye muri yompi abanyeshure 150 bari mu nzu y’ubutambiro, baborewe cane, ndetse benshi muribo bafise udukingirizo n’ibindi biyovyabwenge.

Igiporisi catangaje ko abo banyeshure bafashwe benshi muribo bafise imyaka iri munsi ya 18. Igihe bafatwa, benshi muribo bari bafise udukingirizo, nk’uko igiporisi kibivuga.

Stephen Ahweera, umuyobozi w’igiporisi mu gisagara ca Mbale ari nawe yategetse ko abo banyeshure bafatwa, yatangaje ko iyo ngingo y’uguhagarika abo banyeshure yatewe n’uko bari baborewe cane, kandi badafise uburenganzira bw’ukunywa inzoga, kuko batarakwiza imyaka 18.

Mu giporisi co mu gisagara ca Mbale bavuga ko abo banyeshure bapfungiwe mu giporisi co muri ico gisagara, mu kurindira ibiva mu matohoza, ku bafise uruhara muri ukwo guha inzoga n’udukingirizo abana. Mu giporisi basaba abavyeyi hamwe n’abayobozi b’ibigo vy’amashure afise uburaro ko boza barakurikirana neza indero y’abo bashinzwe kurera, kugira babarinde kuja mu ngeso mbi.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.