Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda : Abashingamateka batavuga rumwe na Reta basubije amafaranga bari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Abashingamateka batavuga rumwe na Reta basubije amafaranga bari (...)

Uganda : Abashingamateka batavuga rumwe na Reta basubije amafaranga bari bahawe

jeudi 26 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Abashingamateka bahawe amafaranga agera ku bihumbi indwi vy’amanyaburaya «euros» umwe wese kugira baje kwigisha ibijanye n’iyo ngingo mu mihingo baturukamwo, ariko cumi mu bashingamateka batavuga rumwe na Reta baraye bashikirije ayo mafaranga inama nshingamateka, bagasigura ko ari igiturire boba bahawe.

Kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 25 Gitugutu, abashingamateka 10 bashikirije inama nshingamateka y’igihugu c’ubuganda amafaranga angana 7000 vy’amanyaburaya baheruka guhabwa n’ico gihugu.

Umushingamateka Semujju asanzwe ari n’umuvugizi w’umugambwe FDC avuga ati : «Turiyamirije ingendo yo guhabwa ruswa. Amafaranga twahawe yakuwe mu migambi yari yagenewe gukorwa. Iyo migambi ikaba yari yatorewe mu nama nshingamateka, ari naco gituma twahisemwo kuyasubiza tukaba duteye akamo n’abandi bashingamateka bose bashaka iterambere ry’igihugu ko boyasubiza »

N’aho biri uko, si abashingamateka bose bashigikiye iyo ngingo. James Kakooza akomoka mu mugambwe uri ku butegetsi amenyesha ko ari ibisanzwe ko baronswa uburyo bujanye n’ibikorwa nkoramutima.

« Arya mahera si imishahara twahawe, yatanzwe mu ntumbero yo gukora igikorwa gikenewe twahawe, twasabwe gukora n’Inama nshingamateka, akaba ariko kazi twatorewe. Abashimye gusubiza ayo mafaranga bisigura ko n’igikorwa basabwe gukora bagihagaritse.»

Abashingamateka bakaba bahawe ikiringo kitarenga igenekerezo rya 8 Munyonyo kugira bazobe bahejeje gusigura abenegihugu iyo ngingo y’imyaka yo kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.