Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Insamirizi 23 zugawe zagirizwa guha ijambo abapfumu
Uganda : Insamirizi 23 zugawe zagirizwa guha ijambo abapfumu
mercredi 28 Ntwarante 2018, par
Urwego rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora muri ico gihugu c’Ubuganda rwagiriza izo nsamirizi ko ziha ijambo abapfumu biba amafaranga abantu mu kubahenda ko bashoboye gutora umuti w’ibibazo vyabo vyose bibagoye.
Reta y’igihugu c’Ubuganda yari yaragabishije izo nsamirizi mu kwezi guheze, ko mu gihe izo nsamirizi zizobandanya gusamiriza ibiganiro biha ijambo abo bapfumu, ko zizoca zugarwa.
Kubera ubwinshi bw’insamirizi ziri mu gihugu c’Ubuganda zishika ku 300, izo nsamirizi zihiganirwa gutanga inkuru iyariyo yose ibonetse.
Oscar NDAYISHIMIYE