Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Kaminuza ya Makelele yugawe
Uganda : Kaminuza ya Makelele yugawe
mercredi 2 Munyonyo 2016, par
Umukuru w’igihugu ca Uganda, Yoweri Kaguta Museveni wa Uganda yugaye Kaminuza ya Makerere, imwe mu zikomeye muri ico gihugu, ingingo yafashwe mu ntumbero y’ugukingira abantu n’ibintu.
Nk’uko bibonekera mw’itangazo yateyeko umukono kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 1 Munyonyo 2016, umukuru w’igihugu ca Uganda, Yoweri Museveni yavuze ko ashingiye ku bubasha ahabwa n’ibwirizwa shingiro, mu ngingo yaryo ya 26, agace ka kabiri, mu kigabane kivuga ibigenga kaminuza n’ayandi mashure, Kaminuza ya Makelele yugawe ku mpamvu zihutirwa, kandi ko izokwugururwa habanje gutangwa ayandi mategeko.
Umukuru w’igihugu Museveni afashe iyo ngingo inyuma y’imyiyerekano yari imaze iminsi ikorwa n’abanyeshuri bo muri iyo kaminuza, biyamiriza imfungurwa bahabwa, bakavuga ko ari mabi.
Ico gihe abanyeshuri bagira iyo myiyerekano, baramenaguye inzugi n’amadirisha y’ivyumba vy’inzu y’uburiro, bamenagura ibikombe n’amasahani.
Abanyeshuri 15 baciye birukanwa.
Mu mwaka w’2014, Kaminuza ya Makerere yari yafashe ingingo y’ukutakutazongera kugaburira abanyeshuri bigira ku mfashanyo ya Reta.
Kuri uwu wa kabiri, iyo myiyerekano y’abanyeshuri yarabandanije, haba ugushamirana hagati y’abanyeshure bariko batera amabuye, hamwe n’abajejwe umutekano bariko batera ivyuka bikoroza amosozi kugira basanzaze abari mu myiyerekano.
IGIHE
Messages
2 Munyonyo 2016, 23:29, par daany sb nsengy
bari bakwiye kwitonda ku ubuto burahenda
5 Munyonyo 2016, 10:39, par Dady
None bugutse iki? Ugutwara aba agutwara.muraganira byakwanga ugaheba.
5 Munyonyo 2016, 10:39, par Dady
None bugutse iki? Ugutwara aba agutwara.muraganira byakwanga ugaheba.
14 Munyonyo 2016, 07:07, par Niyokwizera Renadie
Bantu b’Imana twihweje ibiriko biraba mubihugu bitandukanye;nka Amerika,RDC,Uganda havurwa imigumuko yabanyeshure bo mur Kaminuza yi makerere mbere yahavuye yugegwa biragaragara ko kw’isi atamahoro ahari,ahubwo umuhirwe n’uwuri mumana wenyene kuko niyo mushobora vyose,izi nibizob’ejo kumuntu uwariwe wese,ico mbona gikwiye umuntu uwariwe wese nuko twoseng’Imana akabariyo twiragiza muri vyose.