Accueil > Amakuru > Ugukingira amasura ni nkenerwa mu mugambi w’ubutungane bunywanisha
Ugukingira amasura ni nkenerwa mu mugambi w’ubutungane bunywanisha
dimanche 18 Munyonyo 2012
Umukuru w’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu furera Emmanuel Ntakarutimana amenyesha ko Reta Y’u Burundi igeze ku ntambwe ishimishije mu gutegura umuzo w’umugwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira (CVR) mu gutunganya uburyo bwo gukingira amasura n’abakorewe amabi bazofasha CVR mu matohoza ajanye n’abakwegeye u Burundi mu ndyane n’ubwicanyi kuva bwikukiye; ico kikaba ari ikimenyetso ko Reta yitwararitse ishirwaho ry’ubutungane bunywanisha naho ari igikorwa kitoroshe.
Ivyo yabivuze kw’igenekerezo rya 22 Myandagaro 2012,mu birori vyo gutanguza inama nkarishabwenge yatunganirijwe abahinga banonosoye ibijanye n’itunganywa ry’ubutungane bunywanisha mu bihugu vyabayemwo indyane n’intambara hakaba rero hariho nk’abantu bakoze ivyaha vy’agahomerabunwa n’ivyo mu ntambara n’ihonyabwoko,ivyaha bigoye kwemera no kwemanga narirya bitagirirwa ikigongwe kandi bigahanwa hakurikijwe amategeko mpanavyaha mpuzamakungu.
Iyo nama nkarishabwenge yari iyo guhanahana ivyiyumviro ku buryo bwo gukingira no gushigikira amasura n’abacitse kw’icumu igihe c’indyane n’ubwicanyi narirya uruhara rwabo rukomeye mu gushinga intahe kuri kahise kabi karanze igihugu cacu. N’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubutungane Sylvestre Nyandwi yari yaserukiye umushikiranganji muri ivyo birori yaramenyesheje ko Reta y’Uburundi yitwararitse gushiraho ubutungane bunywanisha ariko ukaba ari umugambi usaba ubwitonzi kuko ugiyemwo utunenge vyotuma ukuri kutaja ahabona hagaca kaba agahombo ku mugambi wo kunywanisha abarundi ubutagisubira inyuma.
Akaba yaboneyeho akaryo ko gushimira ishirahamwe mpuzamakungu (ONU) ryaterereye mw’itunganywa ry’iyo nama ribicishije ku biro vyaryo bikorera mu Burundi BNUB n’abahinga mvamakungu bitavye iyo nama kugira bafashe abarundi kwiyumvira ingene boshiraho ubutungane bunywanisha butagira utunenge na cane cane ko Reta yimirije gushiraho umugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi nk’uko bavyumvikanye mu masezerano y’amahoro bashizeko umukono kw’igenekerezo rya 18 Myandagaro 2000 i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.Ku bwa Furera Emmanuel Ntakarutimana ngo iyo nama yaje hageze kuko haramutse hashizweho uburyo bwo gukingira no gushigikira amasura n’abakorewe amabi ibisaka vy’imbwa vyoba bihiye ku birirwa barahonyanga agateka ka zina muntu bakaguma bidegemvya.
Akaba yemeza ko ikingirwa ry’amasura n’abakorewe amabi rishoboye gushirwa mu ngiro abarundi batari bake babayeho mu mwiheburo n’abahahamuwe n’amabi bakorewe bashobora kwiruhutsa kuko ubu bama barara ntibuca. Ngo rero ikingirwa ry’amasura ni iyindi ntambwe ikenewe kugira ngo igihugu kigendere ku mategeko. Yishimikije abanditsi rurangiranwa ku bijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, yarerekanye ko ubwo bugizi bwa nabi butagira inkurikizi mbi ku bakorewe amabi gusa ahubwo na bene kuyakora usanga bama batekewe n’ubwoba bw’abashobora kwihora canke guhora ababo, gutyo rero ntibigere bumva ko batekaniwe.
Iyindi nkurikizi mbi y’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ni uko abenegihugu bataba bacizera inzego z’igihugu n’iz’umutekano,kandi iyo izo ngorane zidatorewe inyishu birashobora gushika bakihebura gushika naho batwarwa n’ingendo yo kugumuka no guhungabanya umutekano, abarwizatunga nabo bagaca bahagarika kuzana imitahe yabo, igihugu kikahahombera uko.
PPB