Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Uguterana amajambo hagati ya Lolilo na Fizzo kuriyamirizwa n’umwe mu (...)
Uguterana amajambo hagati ya Lolilo na Fizzo kuriyamirizwa n’umwe mu baririmvyi
mardi 18 Mukakaro 2017, par
Kebby Boy aranegura cane abaririmvyi batakaza umwanya batukana mu ndirimbo, aho kwiyumvira guteza imbere akazi kabo. Kebby Boy ati : "Abaririmvyi twari dukwiye guca mu nzira zose kugira indirimbo zacu zishike ku rugero mpuzamakungu". Arongera ati : "Ikindaza ishinga si amajambo mabi bishurana, ikimbabaza n’uko biyaka iteka bakanaryaka abakunzi babo, eka bakanaryaka umuziki w’Uburundi."
- Umuririmvyi Kebby Boy
Ivyo Kebby Boy abivuze inyuma y’indirimbo zasohowe n’abaririmvyi Big Fizzo, Akes Don, Lolilo, Kebby Boy akabagiriza ko aho kubera imboneza urunganwe rubahanze amaso, bihaye intumbero yo guterana amajambo mabi n’ibitutsi.
Tubibutse ko Kebby Boy yaheruka mu biteramo i Gisenyi mu Rwanda, no muri Ouganda.
Umviriza wongera wirabire isanamu y’ururirimbo yiwe "Sina Lawama" iriko icishwa ku mboneshakure nyinshi zo muri Africa.
Cherif NKESHIMANA