Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umugabo wa mbere akuze kurusha abandi bose kw’isi yitavye Imana ku myaka (...)
Umugabo wa mbere akuze kurusha abandi bose kw’isi yitavye Imana ku myaka 146
mardi 2 Rusama 2017, par
Sodimedjo azwi kw’izina rya Mbah Ghoto, ni umunyagihugu wo muri Indonesia, akaba azwi nk’umuntu wa mbere akuze kw’isi yose, yapfiriye ku rugo iwe mu gace ka Central Java. Uwo mutama yitavye Imana afise imyaka 146.
Ivyangombwa vya Sodimedjo vyerekana ko yavutse mu mwaka w’1870. Umwuzukuru wiwe, Suyanto, yavuze ko uwo mutama yapfuye yari amaze iminsi atunzwe no kurya no kunywa ibintu bike. Umunsi yapfiyeko akaba yari yanse kugira ikintu na kimwe akoza ku munwa.
Uwo mugabo yari amaze gupfakara kane kose, yongera apfusha abana bose yibarutse. Mu buzima bwiwe bwa minsi yose, yakunda kuba ariko anywa agatabi, aganirira ababanyi biwe ibijanye na kahise ka Indonesia, ababwira ingwano Indonesia yarwanye n’Ubuyapani hamwe n’ingene ico gihugu cikuyeko abakoroni b’Abadagi.
IGIHE
Messages
3 Rusama 2017, 10:41, par Tar
Nahamuburundi Twoyirenza Nuko Nkurumbiyaturangije
3 Rusama 2017, 20:55, par serges
niyitahire.muhoro..atarico.kiburabwenge.ngonkurumbi.uzomarwa.nurwawe.
6 Rusama 2017, 07:11, par Karabaneka
None Koyarabayeho Mwubwo Buzima Atagira Umugore Nabana, Igihugu Cakoziki Mukumusanasana?
26 Rusama 2017, 20:42, par FIACRE
Iman imufash.kwer.
5 Ruheshi 2017, 18:42, par Papias
Yewa nidanjepe byabayeho?