Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe ADR-IMVUGAKURI wakuwe mu runani CNARED
Umugambwe ADR-IMVUGAKURI wakuwe mu runani CNARED
mardi 31 Nzero 2017
Hisunzwe ingingo No 001/PR/2017 yateweko umukono n’umukuru w’urunani CNARED-GIRITEKA Muganga Jean MINANI ,Umugambwe ADR-IMVUGAKURI ntukiri mu rutonde rw’imigambwe igize urunani ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na Reta CNARED –GIRITEKA.
Muri iyo ngingo yateweko umukono n’umukuru w’urunani CNARED-GIRITEKA kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 31 Nzero umwaka wa 2017,Komite nshingwabikorwa n’uburongozi bwa CNARED-GIRITEKA yahagaritse kandi Alice NZOMUKUNDA yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu gushika hakoranye inama yemeza ko abandanya guhagarikwa canke asubizwa mu runani.
Uwundi yahagaritswe n’iyo ngingo ni Frederic BAMVUGINYUMVIRA nawe yigeze kuba icegera c’umukuru w’igihugu akaba kandi arongoye umugambwe SAHWANYA-FRODEBU.
Amakuru ava mu bakurikiranira hafi ivya politike mu Burundi,amenyesha ko ukutumvikana mu runani CNARED –GIRITEKA kwatanguye kwibonekeza inyuma y’umubonano wahuje umuhuza Benjamin Mkapa n’abanyepolitike,aho bamwe mu bagize urunani CNARED basabwe kutitaba ubutumire,ariko bakabwitaba.
.
IGIHE
Messages
31 Nzero 2017, 21:10, par minani
Ivyo vyitwa guta umwanya. Kutagira imigambi iteza imbere igihugu ni vyo vyamye biranga opposition y’i Burundi
1er Ruhuhuma 2017, 08:38, par djumapiri
CNDD-FDD itanguye kubereka ko itari uko mwayibonaga mbere. ubu imaze kumenya ubwenge nkandi ma parties politique arongoye ibihugu muri kano karere. oposition iraje ihere, nomuri 2020 izoronka 0%.
1er Ruhuhuma 2017, 12:48, par Mpawenimana
Opposition Sans Politiques,sans Vision !
1er Ruhuhuma 2017, 19:22, par warumongo
Imigambiyaposition Ntibahokuko Ivyabobaranguye,abanyagihugubosima,nibihe Cndd Fdd Horakungomamutwarirabosetwaraaaaaaaaaajusca Lafait derater
3 Ruhuhuma 2017, 06:43, par mzoyihera intagoheka
Kubafuta mwagizeneza cane, kuko barahemutse kwibanga nyurunani!, uburundi bwacu bwagiye kugiringorane umwewese akora ivyoyimviriye, ntaguhanuza. Nonekuberiki bagenda Tanzania kwa MKAPA? mukugenda baribatumwe nurunani CNARED?. Nibasaba imbabazi kobakoze amakosa murazohariraaaaaaaaaaaaa,......