Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko ushigikiye ibiganiro bikomeza intwaro (...)
Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko ushigikiye ibiganiro bikomeza intwaro rusangi
mercredi 23 mai 2018
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 22 Rusama 2018, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste NDAYISHIMIYE, yamenyesheje ko ibiganiro ngirakamaro ari ibiza bizamura ubutunzi, birondera kwisununura kw’abanyagihugu.
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yavuze kandi ko ivyo biganiro vyofasha abarundi kurondera ingene umwimbu wokwongerekana, ingene akazi kokwongerekana, kugira abarundi baronke ivyo basabikanya.
Yisunze itorwa ry’ibwirizwa nshingiro, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, yamenyesheje ko ari intambwe ikomeye mu ntwaro rusangi, ari naco gituma n’abanyeporitike mu biganiro vyoba hagati yabo, vyoba ivyo gukomeza intwaro rusangi.
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, yavuze ko inyuma y’itorwa ry’ibwirizwa nshingiro rishasha, abanyepolitike boca bafata ingingo, yo gusubira kwicarana vuba kugira ngo batunganye inzira izodushikana ku matora ya 2020.
MUGISHA Van Naris
Messages
24 mai 2018, 10:05, par Busurahende
Akaba karabaye, ibipfa vyarapfuye ! Urwo rurimi rwiza ngo "ibiganiro" ko mutarukoresheje imbere y’ivyo mwita ngo ni amatora ? Amakungu yarabinginze ngo muje mubiganiro none ko mubonye ingaruka mbi y’ivyo mwakoze mutanguye gutakamba kuko habavye, bose bavyiyamirije.