Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD-FDD uragabisha uwogomba gucanishamwo abanywanyi (...)
Umugambwe CNDD-FDD uragabisha uwogomba gucanishamwo abanywanyi bawo
jeudi 24 mai 2018
Ubicishije ku munyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu, Evariste NDAYISHIMIYE, umugambwe CNDD-FDD uragabisha
Uworota aryanisha abangumyabanga yitwaje ubwoko, igikenye, igihagararo n’ibindi.
Umugambwe CNDD-FDD, uriyamiriza kandi poritike z’ibinyoma, z’ibihuha, zo kuryanisha abonse rimwe, hamwe na poritike zishingiye ku ntara, ku moko no kuri mpinga yanje.
- Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD
Umugambwe CNDD-FDD urashimira abateguye amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, n’abo bose bagize uruhara kugirango agende neza.
MUGISHA Van Naris
Messages
24 mai 2018, 16:05, par Mahoro
Ko atatomoy uko vyifashe ?
Hariho zuguruzuguru ?
24 mai 2018, 19:37, par Tubirabe
Andika hano:Ariko vyobura ko bacanamwo ega nawe ntushaka kwicara muri presidence ?Ntiwaba utize.
24 mai 2018, 21:24, par mani
ivyo muvuga sivyombona ahomba !
25 mai 2018, 12:37, par Busurahende
Ahubwo yari akwiye gutera ivyatsi abateguye ko akagwi arimwo kihagira ubutegetsi imyaka idahera nk’uko babishikirije mu Kabezi. Bateguye ko abo batavuga rumwe babarungika muri Tanganika kandi uwabivuze yari yatumwe n’ubutegetsi. Umuntu yishe atumwe n’ubutegetsi canke ururimi yukamwiyaka bavuga ngo ni umusazi...vyose hariho abazobibazwa.