Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CNDD-FDD urashima, Amizero y’Abarundi bati : ’’Ntiturabimenyeshwa’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD-FDD urashima, Amizero y’Abarundi bati : ’’Ntiturabimenyeshwa’’

Umugambwe CNDD-FDD urashima, Amizero y’Abarundi bati : ’’Ntiturabimenyeshwa’’

jeudi 31 mai 2018

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste NDAYISHIMIYE, avuga ko, kuba sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje ivyavuye mu matora , ari akaryo abarundi baronse ko kwitunganiriza ivyabo, no gutsimbataza intwaro rusangi.

Evariste NDAYISHIMIYE, amenyesha ko ku bagifise ikizigizigi kuri ayo matora, bomenya icarico intwaro rusangi, bakamenya kandi ko ibwirizwa nshingiro ryemejwe ari iryo abarundi bose.

JPEG - 165.5 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste NDAYISHIMIYE, , avuga ko kuba Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bararonse akaryo ko kujana ibirego muri Sentare, ari ikimenyetso c’uko hari intwaro rusangi, akabahanura kwemera ivyavuye mu butungane.

’’Ntituramenyeshwa urubanza’’

Ku ruhande rwabo, mu Runani Amizero y’Abarundi, umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA arongoye umurwi w’abashingamateka batowe muri urwo Runani, akaba n’umwe mu bajanye ibirego, avuga ko batoshima ivyo bataramenyeshwa.

JPEG - 80.9 ko
Pierre Célestin NDIKUMANA, umukuru w’umurwi w’abashingamateka batowe mu Mizero y’Abarundi

Umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA, avuga ati : « Ntitwoshima ivyo tutaramenyeshwa. Ntituramenyeshwa urubanza. »

Urunani Amizero y’Abarundi rwari rwajanye ibirego muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, kuwa mbere igenekerezo rya 21 Rusama 2018, mu gihe umurwi CENI nawo wari washikirije ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora, kuwa mbere igenekerezo rya 21 Rusama 2018.

MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ntanguy Kuramutsa Abagumyabanga Bos Bo Muburundi Nimukomer . Uyorwasa Ntakomey Nibamutware Ahasiga Rojanti Bamwoze Mumutwe Ntakundi Nobivuga Imbonerakure Twe Vubaaaaaaaab

  • Abo b Amizero y inda zabo, ntaco bashikako kuko abarundi barabahinyuye, bamenyeko abarundi banyotewe amahoro no kwikorera imirimo ya minsi yose ibateza imbere Kandi Nyenecubahiro NKURUNZIZA ari kubibashikanaho no muri 2020 ba zamu tora cane gose. Abikorera utwabo n abanyamahanga nabandanye bikorere urudandazwa mu mutekano ukwiye, Abanyagihugu babarundi babayeho neza mu buzima bworoshe kubera Imana yabahaye NKURUNZIZA si nko mu Rwanda abanyagihugu barushe gose, bashonje, bahora batotezwa nubutegetsi, bambuwe amatongo yabo nubutegetsi, amashule meza ashigwamo abana babategetsi, n’ayo mabi akaba azimvye, kwivuza bizimvye Kandi bidashamaje, itunga n ibikogwa vyose arivy ishaka rirongoyeyo, mu Burundi ntaco leta idakora ngo ifate neza abanyagihugu n abahatuye

  • Ahubwo Abatemera Nyamba Arico Bashaka Ku Bene Gihugu.Nibemere Kuko Oya Ntiyotsinda Ego.Kmora Kw’ibanga.

  • Tuzorutsinda Ntavyavuy Mumatora Tuzopfa Twemey Kandi Hakuba Imbwa Woba Imva Oya Tuzoyirwanira Gushika Kwiherezo Mizero Y’abarundi Komera Kumuheto !Mizero Y’abarundi Tsinda !Barundi Mwese Tsinda Ubwoba !

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.