Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CNDD FDD urazi ko hari abatoza intererano batabitumwe n’uwo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD FDD urazi ko hari abatoza intererano batabitumwe n’uwo (...)

Umugambwe CNDD FDD urazi ko hari abatoza intererano batabitumwe n’uwo mugambwe

vendredi 8 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Docteur Benjamin NDAGIJIMANA, umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura ashikiriza ko abatoza ku gahato amafaranga y’intererano z’umugambwe CNDD FDD bitwaza ko uwo mugambwe uri ku butegetsi.

"Twarabibonye ko hari abantu bikika mu kiza. Umugambwe uri ku butegetsi ni umugambwe ukomeye abantu bose batinya. Iyo umuntu afise akantu ashaka kurondera hirya no hino, biroroshe gusaba amahera. Nico gituma twagize duti amafaranga atozwa, intererano zose zitegerezwa guca kuri "Compte" y’umugambwe kugira tubone ni nde yatanze intererano? Kandi kugira bitwereke uwatanze intererano ata gahato kagiyemwo. Kubera ugiye gutoza intererano ku gahato ntaco uba uriko urafasha umugambwe."

JPEG - 52.8 ko
Docteur Benjamin NDAGIJIMANA, umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura

Umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura ahamagarira Abanywanyi b’uwo mugambwe kudasubira gushikiriza intererano amaboko ku yandi.

"Ntihagire umuntu azosubira gutanga amafaranga mu ntoki z’uwundi muntu kuko tudaheza ngo tumenye ko ayo mafaranga aza kuyashikana"

Docteur Benjamin NDAGIJIMANA yibutsa kandi ko atawurekuriwe gusaba ku gahato intererano z’umugambwe CNDD FDD. Ivyo yabishikirije mu gihe hari bamwe mu bikorera ivyabo n’abarwizatunga bidoga ko batozwa ku gahato intererano z’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ndabira nkuyu ngo ni Benjamin,maramarira hiyo,none Imbonerakure ko arizo zibigira zihagarikiwe n’igi police n’igisoda ivyo udedemba vy’intwererano ngo mutazi n’ibiki?murye ayanyuma sha CPI iradodora

  • JEWE IKI KINYAMAKURU KIRANTANGAJE KUBONA GISHIRA KURUBUGA IVYO HAFSA ASHIKIRIJE KUKO BIRAGARAGARAKO ATARI IVYUBAKA ARI IBISAMBURA. IBINTU BIRIMWO N’IBITUTSI!!!!!!!

  • Ngo CNDD-FFD ni umugambwe ukomeye bose batinya? Ubukomezi bwawo buri mu kunyonyeza abanyagihugu? Ninde atazi iterabwo bashira ku muntu mu kumusaba iyo ntererano. Niryo terabwoba batinya nayo umugambwe ntaco ubamariye, ubukene buguma ari ndanse.

  • @Nkunzimana.jewe aba DD murantwenza none ngaho ko uvuga ngo Hafsa yatukanye wotwereka igitutsi kirimo?ikindi kandi ivyo uvuga yavuze bitubaka nuko yipfuza ko CPI ikubita intahe mu gahanga Imbonerakure n’aba DD mwese mwamaze abantu?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.