Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CNDD FDD uvuga ko igikorwa c’ukwigisha "EGO" canke "OYA" (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD FDD uvuga ko igikorwa c’ukwigisha "EGO" canke "OYA" (...)

Umugambwe CNDD FDD uvuga ko igikorwa c’ukwigisha "EGO" canke "OYA" kitaragera

mercredi 20 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD avuga ko nawe arindiriye ako karyo kazotangwa n’umurwi CENI kugira asigurire abanywanyi biwe ico bazotora.

Ivyo Evariste NDAYISHIMIYE abishikirije mu gihe mu ntara ya Gitega, umunsi hatanguzwa isekeza ry’ugusigura ibizohinduka mw’ibwirizwa shingiro, umukuru w’igihugu yagabishije abazobera intambamyi ico gikorwa. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko uwo ari umurongo utukura utarengwa.

Kubwa Evariste NDAYISHIMIYE aramutswa umugambwe CNDD FDD, uwo murongo utukura ntuvuga abatazotora iyo nteguro, ahubwo abadashaka ko ico gikorwa c’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro kiba.

"Hari abadashaka ko tuja muri iyo nzira y’ukwishiriraho ibwirizwa shingiro. Ubu rro niho bavuze bati uwutabishaka, uwuzokwanka ko ayo matora aba, urumva uwo muntu ntazoba ashaka ko igihugu kibaho, azoba ateye igihugu."

JPEG - 91.4 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Evariste NDAYISHIMIYE abandanya avuga ati : "Ubu turi mu gikorwa c’ugusigura ivyahinyanyuwe, ico gikorwa nicahera hazoba rero isekeza rya EGO na OYA, aho umwe wese azoba afise uburenganzira bw’ukubwira abiwe ati jewe ndavye ibirimwo, ntibashizemwo ivyiyumviro vyanje ntimuritore. Uwundi nawe akavuga ati muraritora. Ivyo rero nivyo abanyamigambwe tuzotora, umwe wese abwire abiwe."

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaragabishije abantu bose boburagiza umugambi wo gusigurira abanyagihugu integuro y’impinyanyuro z’Ibwirizwa Shingiro rihasanzwe, zizovamwo Ibwirizwa Shingiro rishasha. Aboba intambamyi babwiwe ko uwo ari umurongo utukura ntarengwa.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.