Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CNDD FDD wasavye ko umunsi wa 13 Rusama woba uw’akaruhuko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD FDD wasavye ko umunsi wa 13 Rusama woba uw’akaruhuko

Umugambwe CNDD FDD wasavye ko umunsi wa 13 Rusama woba uw’akaruhuko

vendredi 12 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Evariste NDAYISHIMIYE asigura ko uwo munsi woba uw’intibagiranwa mu Burundi, kugira ntihazogire abandi basubira kwiyumvira gutembagaza ubutegetsi

"Kahise niko gategura kazoza. Abana bacu batamenye ivyabaye bazohava babihoherako. Kwibuka ntibisigura inzigo y’akazikira, ahubwo ni kugira ntibizosubire, n’ababikoze bamaramare."

Ubigizi bwa nabi bwaribonekeje hamwe n’ubwicanyi, cane cane inyuma y’igeragezwa ry’ugutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015. Mu mugambwe CNDD FDD bavuga ko abagirizwa "imigumuko" bazotegerezwa kubibazwa, kuko bitabaye ukwo kwoba ari ugusasira indava abagizi ba nabi.

"Ukudahana abantu baturiye abandi, abaturiye amazu, kwoba ari nk’ukubwira ubutungane ko bwohagarika akazi. Aho naho abenegihugu boca bihanira bonyene. Kwoba kandi uguha inguvu ababikoze, hamwe n’uguhamagarira abandi kubikora.", NDAYISHIMIYE akavuga kandi ko umugambwe CNDD FDD utarota ugiriranira ibiganiro n’abashatse gutembagaza ubutegetsi, hamwe n’abagirizwa imigumuko.

General NIYOMBARE Godefroid, uwuri kw’isonga mu bashatse gutembagaza ubutegetsi aheruka kumenyesha ko mu nzira ategekanya gufata harimwo iy’ibirwanisho. Mu mugambwe CNDD FDD bavuga ko Uburundi bwiteguriye kuzomurwanya mu gihe yotera.

"Yaramaze kugira ibitero abifashijwemwo n’Urwanda umunsi atera Uburundi aciye muri Kabarore, intara ya Kayanza. Abasirikare b’Uburundi barashoboye kumurwanya. Ivyo abo basirikare bakora muri Somaliya mu kurwanya abakora iterabwoba, no mu Burundi bazobikora. NIYOMBARE ni umwicanyi kandi nawe arazi ko azotegerezwa kubibazwa."

JPEG - 229.1 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Bimwe mu bikorwa umugambwe CNDD FDD urangura mu kwibuka ukwo kugerageza gutembagaza ubutegetsi, Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko ari nk’ivyibutso vyubakwa mu gihugu cose. Mu majambo yandikwa kuri ivyo vyibutso, abatavuga rumwe n’ubutegetsi bamenyesha ko harimwo ukubatera ubwoba mu gukoresha imvugo idahumuriza. Amwe muri ayo majambo avuga ati : "CARATUVUNYE NTITUZOKIREKURA, IMBONERAKURE TURIHO KANDI TUZOKWAMAHO, PETERO NKURUNZIZA HANGAMA KU NGOMA, n’ayandi.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD amenyesha ko muri uwo mugambwe bamaze kuvugana n’ubunyamabanga bukuru bw’uwo mugambwe, kugira hategurwe amajambo ahumuriza bose azoza arakoreshwa kuri ivyo vyibutso.

Evariste NDAYISHIMIYE yasavye abajejwe intwaro gukurikirana ico kibazo c’ivyo vyibutso, kugira ico gikorwa c’ukwibuka ivyabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama kibe igihurizwako na bose.


NDUWIMANA

Messages

  • ahubwo nyakubahwa, nimufate arya mezi imigumuko yamaze kuva mu kwa ndamukiza gushika muri kigarama 2017 aho inzirakarekane zo ku musaga,nyakabiga ngagara, jabe.. mwazinigira mu mazu ,.maze mufate ayo mezi yose mwiruhukire murya brochete mwinywera ka primus ya brarudi na za kinigi byose ...mwiruhikire kuko mwakoze igikorwa gikomeye muri abagabo...

  • Imana Ibahezagire Na Leta Yuburundi Abo Nabo Bipfuz Kurwana Ntamutima Bagira.

  • CNDD-FDD IVUGA KO IRWANYA AKARENGANYO MUGABO IKAGASHIGIKIZA IBIKORWA VYO KUBUZA URWARUKA RWA NYARUCARI KWIGA KAMINUZA NO MU MASHURE YISUMBUYE AFISE UBURARO KANDI UMUKURU W’IGIHUGU YIZE MURIYO KU NTWARO YISE KO ARIY’AGACINYIZO Y’ABATUTSI. NONE ABONYE ABAHUTU BIJUKIYE UB NA ENS ATI BAZIGA KU NGURANE KANDI AKABEMEZA KO ARIWE MUHUTU WENYENE ASHOBOYE GUTWARA UBURUNDI. NTIHICA UBWOKO HICA INTWARO MBI!

  • Njewe mugabo nosoba ko bene Sebarundi twokora cane tukiteza imbere aho kwiryamira tukibyura tujya ku kayeri na ka brochette yemwe aho kuraba icazamura abarundi tureba icashimisha Nkurunziza kabone nubwo twohona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.