Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD FDD wiyandikishije kuzokwitaba ukwiyamamaza mu matora (...)
Umugambwe CNDD FDD wiyandikishije kuzokwitaba ukwiyamamaza mu matora y’ibwirizwa nshingiro
mardi 27 Ntwarante 2018, par
Icegera c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Joseph NTAKARUTIMANA yaserukiye uwo mugambwe yamenyesheje ko uwo mugambwe wiyandikishije ku mugaragaro kugira bimenywe na bose ntihazohave haba impari.
Ku vyerekeye kudahuriza hamwe kuri ico gikorwa n’abandi nk’abatavuga rumwe na Reta, Joseph NTAKARUTIMANA yagize ati : “Igikorwa co kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha ni ic’Abarundi bose, turamenyereye ko ata na kimwe dukora bavuge ko ari ciza."
- Joseph NTAKARUTIMANA yakiriwe n’umukuru w’umurwi CENI, Pierre Claver NDAYICARIYE
Ico cegera c’umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD yavuze kandi ko biteguye ko abatavuga rumwe nabo bariko barategura ivyo yita "ibinyoma vyinshi", mu ntumbero yo gushaka aho vyobashitsa, ariko akavuga ko yizeye ko ibikorwa vyateguwe neza, abazotora "Ego" ari benshi.
Umukuru w’umurwi utegura amatora CENI Pierre Claver NDAYICARIYE yamenyesheje ko bashimishwa n’igitiri c’imigambwe imaze kwiyandikisha gushika ubu, kuko ari igitigiri ciza.
Pierre Claver NDAYICARIYE yasavye imigambwe, inani z’imigambwe canke amashirahamwe yipfuza kuzorungika abarorerezi muri ivyo bikorwa kuja gutora impapuro zo kwuzuza kugira bazoronke uburenganzira.
Impapuro zisaba uburenganzira bwo kuja kuba umurorerezi mu matora zizotangura kwakirwa mu murwi ujejwe gutegura amatora CENI kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza gushika kw’igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2018.
Imigambwe imaze kwiyandikisha kugira izokwitabe igikorwa co kwiyamamaza mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro rishasha gushika kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante uyu mwaka ni 18 bikaba bitegekanijwe ko kizorangira kw’igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2018.
Vianney BIKORIMANA
Messages
27 Ntwarante 2018, 17:09, par ERIC NDUWAYEZU
Neza cane birashimishij kuba biyandikishij turabashigikiy nimukomere
28 Ntwarante 2018, 20:10, par INNO CENT IBUGA
NIMUKOMER KUBA MWIYANDIKISHIJE TWARI.TWATUNTUY KUBA MWARIMWARATEVYE NATWE TURINYUMA NAHOCATUVUNYE TUROCUMBAGIZA NAKARE IMANA TWAYIHAYE,IKIBANZA CAMBERE KWENYE CAMACETU CA CNNDD-FDD IMANA IRIKUMWENATWE,AMEN
30 Ntwarante 2018, 10:15, par nsamuel
ramba bakunzi b,uburundi natwe turinyuma yanyu